IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo bitatu wenyene

Cristiano Ronaldo yinjije ibitsindo bitatu wenyene

mercredi 3 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukinyi rurangiranwa Cristiano Ronaldo yafashije umurwi wiwe kwizera ko ushobora kuja mu gice ca nyuma c’inkino za UEFA Champions League, ku bitsindo bitatu vyose yinjirije wenyene umurwi wiwe wa Real Madrid.

Mu rukino rwabaye kuri uwu wa kabiri, Cristiano Ronaldo yatsinze Atletico Madrid mu rukino rwa mbere rwabereye ku kibuga ca Santiago Bernabeu ca Real Madrid. Urukino rw’ugusubiriza hagati y’iyo mirwi yompi rutegekanijwe mu ndwi iza.

Kuri ivyo bitsindo bitati yinjije wenyene, Cristiano Ronaldo yakwije ibitsindo 103 mw’ihiganwa rya UEFA Champions League.

Kuri uwu wa gatatu naho, mu rukurikirane rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za UEFA Champions League, hategekanijwe urukino ruza guhuza AS Monaco na Juventus yo mu Butariyano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.