Daniella NIYIBIMENYA:’’Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye’’

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 Mukakaro 2017 saa 11:35
Yasomwe : 5382
0 0

Mu gihe hasigaye iminsi itatu kugira urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu ’’Intamba mu Rugamba’’ w’abigeme ukine n’umurwi nserukiragihugu wa Djibouti, umumenyereza mukuru w’uwo murwi, Daniella NIYIBIMENYA batazira Dany amenyesha ko imyimenyerezo iriko ikorwa neza naho hari abakomeretse bariko baravurwa.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE tumusanze ku kibuga ca Centre Technique kiri muri zone Ngagara, mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2017, Daniella NIYIBIMENYA yavuze ko abakinyi bose batumweko bari mu mwiherero kandi babandanya kugira imyimenyerezo.

Umumenyereza yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu gikorwa co kumenyereza umurwi nserukiragihugu hatobura utugorane, ariko ko gushika kuri uno wa gatatu ivyo basavye vyose vyo gufasha umurwi babironka.

N’aho vyabafashe igihe kitari gito kugira bamenyerane, Daniella NIYIBIMENYA amenyereza umurwi nserukiragihugu w’abigeme amenyesha ko ubu abakinyi bagize umuryango, bakorana neza kandi babanye neza mu mwiherero.

Daniella NIYIBIMENYA avuga ko hari icizere co gutsinda urukino rwo ku munsi wa gatandatu, ariko mu gihe bobifashwamwo n’abarorezi hamwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru, babicishije mu kubashigikira.

JPEG - 80.2 ko
Daniella NIYIBIMENYA amenyereza umurwi nserukiragihugu w’abigeme

Yavuze ati : «Turashoboye. Nta mahiganwa tumenyereye ariko turashoboye, abarundi bazodushigikire kuko nibo bagira umukinyi wa 12.»

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu ’’Intamba mu Rugamba’’ w’abigeme n’uwa Djibouti ruzoba kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha