IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Diyoseze ya Ngozi igiye gushiraho umunsi w’ukwibuka abahitanywe n’indyane (...)

Diyoseze ya Ngozi igiye gushiraho umunsi w’ukwibuka abahitanywe n’indyane Uburundi buhitiyemwo

lundi 27 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA amenyesha ko uwo munsi uzoshirwaho mu ntumbero y’ugushira ahabona abapfiriye Imana kuko banse guhemukira inkuru nziza y’umuvukano, kugira ngo babere akarorero keza abandi. Uzoshirwaho kandi mu ntumbero y’ugusabiranira Abarundi ko bohinduka ku mutima, basubize hamwe vy’ukuri, ibitari ivyomekerano, nk’uko bivugwa n’umwungere za Diyoseze ya Ngozi yabimenyesheje mw’ijambo yashikirije abakristu kuri uwu w’Imana, mu gutangaza ivyapfunditswe mu nama ya mbere y’umuryango wa Diyoseze ya Ngozi (Sinode).

Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA aravuga imvo nyamukuru zatumye Diyoseze arongoye itunganya iyo nama.

"Imvo ya mbere iboneka dusangiye na Ekleziya yose y’i Burundi, ifatiye ku butumwa bw’Ekleziya mu vy’ukuremesha amahoro. Kuva igihugu cacu kigiye mu bihe vy’ukwikukira, nticigeze gihengeshanya kuja kiragwa mu rwimo, mbere ukamengo ni nk’akaroge ! Urwo rwimo na rwo rwerekana inzankano, ugukumirana, agakengerwe, induru n’ingwano, biciye kubiri n’inkuru nziza y’urukundo n’amahoro, dushinzwe kumenyesha."

Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi avuga ko Ekleziya ataco yoba ibereyeho kandi ko yoba ihemukiye Uwayishinze, mu gihe itokwitwararika ico gikorwa c’ukuremesha amahoro ashingiye ku nkingi zine.

" Ni ukuvuga : ukuri, ubutungane, urukundo n’ikigongwe. Ngaha rero duca tuhashimikira, tukahitondera , kuko ariho hari akarangamutima k’amahoro Ekleziya ibwirijwe kuremesha, n’uburyo ibwirijwe kuyaremeshamwo."

JPEG - 121.1 ko
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Ngozi

Muri izo nkingi zine, Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi avuga ko ukuri arikwo kumeze nk’umuzi w’igiti cama amahoro.

"Niko gutuma n’ubutungane nyabwo bugira ifatiro. Uko kuri tuvuga, ni kwa kumenya ko twese turi ibiremwa vy’Imana, twe se tukaba twaremwe tunganya iteka, kuko Imana yaremye zina muntu wese imwishushanijeko."

Ntawaremewe kuba umuja w’abandi

Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yibaza ati : "Hari uwo mwomenya Imana yaremye nk’umuja w’abandi ? Dukubitije agatima mpembero mu vyatumye amahoro abura muri kahise, n’ibiriko biratuma abura muri kubu, dusanga nyene ari muri uko kwirengagiza uko kuri kwa mbere k’uko twese tunganya iteka, bica bituma dukumira aba canke bariya, tukaba turenganije rero, ako karenganyo nako kakavyara amashari, inzankano, induru n’ingwano."

Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi avuga ariko ko naho ukuri kumeze nk’umuzi, ubutungane nabwo bukamera nk’umutumba w’igiti c’amahoro, igiti kibuze amata agitembamwo, nticama, akamenyesha ko uko ariko ko abona vyomera mu vy’amahoro.

"Uwacumuweko yoba ariwe agira intambwe ya mbere ngo aze gusubiza hamwe n’uwamucumuyeko. Ivyo vyose na none umuntu abigira ngo ase na Data wo mw’ijuru, nk’uko Yezu yabidusavye. Mugabo kandi agira iyo ntambwe ya mbere nk’uwihutira kuza gushayura uwamucumuyeko abona ko yatosekaje rya teka ryiwe yaremanywe mu gucumura. Ivyo nivyo bica inzira y’ ugusubiza hamwe, kandi bigatanga amahoro y’umutima kuri bompi. Ayo mahoro y’umutima, ni yo atuma abantu baba abanyamahoro, gurtyo bakaba abaremesha amahoro."

Uwurongoye Diyoseze ya Ngozi amenyesha ko impanuro Ekereziya itanga itabanza kuzisabwa, canke kuraba ko ziryohera ab’isi.

"Tubwirijwe kubigira nyabuna ngo Ekreziya igamburukire uwayishinze, kuko biri mu karanga kayo. Nkako nyene, iyo umunyu uba wabanza kubaza ibifungurwa ko wobirunga, ubwo imfungurwa zokunze igihe cose ? Iyo umwambiro uba wabanza kubaza igikandu ko kiwukeneye, ubwo cowemereye igihe cose ? Ariko murabona ko vyose bikorana, kugirango umukate ube umukate, inzoga na yo ishe kandi iryohe."

Ekereziya Gaturika mu Burundi imenyesha ko izobandanya gutanga izo nyigisho z’ugukomeza amahoro, ibicishije mu nyigisho zitangirwa cane cane mu ngo z’abakristu, mu mibano mitomito y’abakristu, mu maparuwase.

"Twiyemeje ko muri izo nzego zose twoza turaba nk’ibimuri bituma abandi babona iyo boja mu rugamba rw’ukurenesha amahoro n’ugusubiza hamwe."

Ariko rero, Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA aratanga itandukaniro, aho avuga ko ukuremesha amahoro kwa Ekleziya Gaturika kutaza gusubirira abashinzwe gutunganya ivy’igihugu ngo amahoro aronke aho ashikira.

"Ukuremesha amahoro kwacu, kugirwa mu buryo bw’ukwigisha no mu buryo bw’ugushingira intahe amahoro n’ugusubiza hamwe mu nyifato yacu."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.