IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Fransisko yashizeho umurwi wiga namba abagore boba Abadiyakoni

Papa Fransisko yashizeho umurwi wiga namba abagore boba Abadiyakoni

mercredi 3 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko, yashizeho umurwi ujejwe kwiga namba abagore boshobora guhabwa uburenganzira bw’ukuba Abadiyakoni.

Uwo murwi mushasha washizweho na Papa Fransisko ugizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore batandatu, bakaba bafise igikorwa c’ukuraba ko Ekereziya Gaturika yokwemeza ko abagore bohabwa amabanga y’Ubudiyakoni.

Itangazo ryasohowe na Vatican rivuga ko uwo murwi uzokwiga amateka y’abagore bakoze akazi gasa n’ak’abadiyakoni mu myaka ya mbere ya Ekereziya Gaturika.

Iciyumviro c’uguha Ubupadiri abagore cazanye impari nyinshi cane muri Ekereziya Gaturika. Mu gihe Abadiyakoni baba basigaje intambwe imwe gusa kugirango babe Abapadiri, ntawoshoka yemeza namba uwo murwi uzokwemeza canke uhakane ko abagore bohabwa ubwo budiyakoni, ariko bikumvikana ko bavyemeje, abagore batazoba bari kure y’ukuba Abapadiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.