Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Fransisko yashizeho umurwi wiga namba abagore boba Abadiyakoni
Papa Fransisko yashizeho umurwi wiga namba abagore boba Abadiyakoni
mercredi 3 Myandagaro 2016, par
Umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko, yashizeho umurwi ujejwe kwiga namba abagore boshobora guhabwa uburenganzira bw’ukuba Abadiyakoni.
Uwo murwi mushasha washizweho na Papa Fransisko ugizwe n’abagabo indwi hamwe n’abagore batandatu, bakaba bafise igikorwa c’ukuraba ko Ekereziya Gaturika yokwemeza ko abagore bohabwa amabanga y’Ubudiyakoni.

Itangazo ryasohowe na Vatican rivuga ko uwo murwi uzokwiga amateka y’abagore bakoze akazi gasa n’ak’abadiyakoni mu myaka ya mbere ya Ekereziya Gaturika.
Iciyumviro c’uguha Ubupadiri abagore cazanye impari nyinshi cane muri Ekereziya Gaturika. Mu gihe Abadiyakoni baba basigaje intambwe imwe gusa kugirango babe Abapadiri, ntawoshoka yemeza namba uwo murwi uzokwemeza canke uhakane ko abagore bohabwa ubwo budiyakoni, ariko bikumvikana ko bavyemeje, abagore batazoba bari kure y’ukuba Abapadiri.
IGIHE
Messages
3 Myandagaro 2016, 17:19, par Ciza Audace
NtawoVùga Bakore Iki Cank Barek Iki Ki1 Mutima Mutagatifu Nabe Ariw Abereka Ico Bokora Nayo Kubwabo Ico Gikogwa Kirakomey Kuba Haciy Imyaka Nkiyi Atawaribwaciyumvire Kugikora , Isemo Yambere Yama Igora
4 Myandagaro 2016, 06:43, par Sabimana
Ahubwo Dufukame Dusenge Isi Yaheze Ivyo Papa Benois Yase Bigira Bishike.Girikigongwe Mana.
4 Myandagaro 2016, 16:58, par NAZAR
AHUBWO HASIGAYE ITANGAZWA RYA DIMACHE NAYAHANDI VYARANGIYE NDABASAVYE MWIHANE BANTU B IMANA
5 Myandagaro 2016, 08:24, par Bizimana
Ohooo.nawe natange biramunaniye.ariko hariciza c’abanya merika?
3 Nyakanga 2016, 21:03, par Pontien Ndayizeye
Abo Bavyiga Baravyitondera,kuk Nta Mugore Yoba Umupatiri Kand Bakunda Gufatirwa.
11 Nyakanga 2016, 18:02, par Joachim Nsabimana
Ubudiyakoni Ni Intambwe Ya mbere Y’ubupatiri.Bikumvikand Neza Ko Ivyo Vyemejwe N’ukwemera Kwohungabana.Ubajije Mu Bihugu Bacemera Cane Nka Afriyo Musi Yasahara Ni Abagore Ari Abagore Ntawovyemera.N’ibihugu Vyiziziwe Na Ethique Mondiale Bivyemeza Gusa.Twebwe Abakristu Turavyiyamirije.Bafise Amabanga Menshi Muri Eglise Mugabo Ivyo Kuba Aba Clerc Nibatenyenye.Bigenze Uko N’abapatiri Benshi Bazobiheba
12 Nyakanga 2016, 21:12, par Leonidas Ndayisenga
Umwungere Wacu Nasenge Yisonzeshej Ico Kigeragezo Kirengane Kuko Araziko Na Bible Itavyemera,naba Poroti Baracakitwemera Umuryango Wobuguye Mukaga;naba Patiri Boca Bashaka Kurongora.Mana Fasha Ekleziya Uyimurikire.
19 Nyakanga 2016, 04:34, par Niyongabo Fabien
Imana Idufashe ntivyezwe.Aba diakoni ba bagore?birataje!
19 Nyakanga 2016, 04:35, par Niyongabo Fabien
Imana Idufashe ntivyezwe.Aba diakoni ba bagore?biratangaje!
28 Gitugutu 2016, 16:22, par NOYIHIKI FIACRE
ZEBIYA NAHINDURE INGENDO
2 Ntwarante 2017, 10:01, par JESUS-MARIE
Abomination!!! Comment une femme peut être appelée PRÊTRE? Finalement, on nous dira qu’il y a une autre commission qui étudie comment un Prêtre peut devenir une SÅ’UR!! C’est vraiment de la pure sorcellerie!!
18 Myandagaro 2018, 16:35, par BARUTWANAYO GERVAIAS
Andika hano Nibagume Ari Ababiki Biramaze