IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Insigura y’ikarema (Carême) ku bari mw’idini rya gatorika

Insigura y’ikarema (Carême) ku bari mw’idini rya gatorika

mercredi 1er Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abemera Kristu bo mw’idini rya Gatorika batanguye kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2017, ukwisonzesha kuzomara iminsi mirongo ine. Muri ivyo bita Ikarema (Carême) n’ukumara iminsi 40 birinda icitwa igicumuro cose, bakagerageza kwiyima ibiryoshe, ndetse bagafashanya umubabaro n’Umwana w’Imana Yezu Kristu, aho yamara iminsi mirongo ine ariko ageragezwa na shetani.

Ikarema none ni iki ?

Nk’uko bivugwa n’abari mw’idini rya Gatorika, ikarema ni igihe kibibutsa imyaka 40 igihugu ca Israeli camaze mu bugaragwa kiri mu rugendo kigana igihugu c’isezerano. Abanya Israeri bamaze ico gihe bitegurira kuba mu gihugu c’Imana, igihe kitaboroheye kuko baguma bahemuka kw’isezerano ry’Imana.
Ikarema kandi ribibutsa iminsi 40 umuhanuzi Eliya yamaze kugira ashikire umusozi "Horeb" w’Umukama.

Ikarema ibibutsa kandi iminsi 40 Yezu Kristu yamaze mu bugaragwa yitegurira gutangura icese ubutumwa bwiwe, maze akageragezwa na shetani. Abakirisu bavuga ko ubugaragwa ari ikibanza c’agacerere, c’ubukene, nta bintu bihari bishobora gufasha umuntu, nta mazi, nta ndya, nta binyobwa, nta buraro, ni mu gahinga ka nyaga na nde. Ni ikibanza umuntu ashobora gupfiramwo, umuntu ari wenyene nk’uko babisoma mu butumwa bw’inkuru nziza yanditswe na Luka 4 : 1-13.

Ikarema rero isozerwa n’ihimbazwa ry’umunsi mukuru Pasika w’izuka rya Yezu, usanzwe ari umunsi mukuru wa mbere uhambaye kubemera Yezu Kristu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.