IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Francisko yaguye hasi kuri Altar imbere y’abakirisu isinzi (...)

Papa Francisko yaguye hasi kuri Altar imbere y’abakirisu isinzi (Amafoto)

jeudi 28 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwungere wa Ekereziya Gatorika Papa Fransisko yatsitaye ari kuri Altar agwa hasi imbere y’abakirisu isinzi bariko bakurikirana inkuka y’imisa yariko asomera muri Pologne.

Iyo nararibonye y’imyaka 79 ari mu rugendo mu Majepfo ya Pologne, ahazwi nka Czestochowa, aho yahuye n’abihebeye Imana baturuka mu bihugu bitandukanye vy’Isi.

Papa Fransisko yatsitaye igihe yariko amanuka ingazi [escalier] iva kuri Altar, mu gihe yari afise icotezo [encensoir ] atagatifuza abakirisu.

Amafoto yasohotse yerekanye uwo mwungere wa Ekereziya Gaturika akigwa hasi, Abapadiri bari hafi yiwe bariko baramukura hasi.

Uwo mwungere wa Ekereziya asanzwe afise ikibazo c’ingwara izwi nka "sciatica" ituma umuntu acika intege. Ni indwara ifata igice c’umugongo, rimwe na rimwe mbere umuntu ayirwaye akaba ashobora no kugwa hasi.

Papa Fransisko ntaco yabaye aho yagwa hasi, mbere akaba yaciye abandanya guhereza inkuka y’imisa gushika ihere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.