Accueil > Ukwemera > Abakristo > Agahinda niko karangwa mu maso y’abitavye imisa yo gusabira abishwe mu (...)
Agahinda niko karangwa mu maso y’abitavye imisa yo gusabira abishwe mu myiyerekano
vendredi 26 Ruheshi 2015
Mw’isengero yitiriwe umweranda Anna ku Musaga niho habereye imisa yo gusabira abamaze kwitaba Imana bose mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Iyo misa nk’uko bagenzi bacu bari ku Musaga babitubwiye, yitabwe n’abantu benshi, baje bava mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura. Muri iyo misa kandi abasanzwe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo, bakaba bayitavye.
Abari aho mw’isengero gusabira ababo, incuti n’abagenzi baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo, bari bafise amatara, abandi n’agahinda kenshi, bikaba vyanse ko bigumya, bagaturikisha bakarira. Mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH bakaba bavuze ko abantu bagera hafi 77 bitavye Imana muri iyo myiyerekano, muribo harimwo n’ajejwe umutekano.


Foto : SOS Media Burundi
IGIHE
Messages
26 Ruheshi 2015, 13:34, par james
haaaa. nonemwayihevye mbega ababatumye haruwabuzemw uwiwe? amaso aragutwenga arayawe mwayigiramwiki
intumva.
26 Ruheshi 2015, 13:34, par james
haaaa. nonemwayihevye mbega ababatumye haruwabuzemw uwiwe? amaso aragutwenga arayawe mwayigiramwiki
intumva.
26 Ruheshi 2015, 13:36, par ndiho
basabire kuko bapfanye ivyaha vyishi kuko bahenzwe. nibinywamaraso NGO baje gukora ivyo batazi
26 Ruheshi 2015, 14:22, par uku basa
Ntakundi Nukwi Hangana Misiyose Akaguma Iyokabaye Ntikabura Ivyo Gahitana Ahubwo Ugwaruka Twiyamirize Abadukwegera Mumigumuko Bobo Imiryango Yabo Barayihungisha Natwe Dusigara Dupfira Imiryango Yabo Turafa Nabo Bakabaho Twiyamirize Imigumuko.
26 Ruheshi 2015, 14:31, par moise
urabona agahinda abaharanira ivyicaro vya politique badushizemo!! amaradio nayo akaja arogagiza nkabogagiza umupira w’amaguru. abandi baka ba bariko bapfira mu makambi y’impunzi. ubuse abahahombeye nibande? ni abanyagihugu bashukwa nababifitemo inyungu.
26 Ruheshi 2015, 14:33, par nyishu
Ukuri ni mbega ninde azobabazwa na marirayavarundi cank azoyahoza bose kari inda gusa bivagira ababahashiz murakoz
26 Ruheshi 2015, 15:48, par sisi
na bado urukarihije rurakumwa
26 Ruheshi 2015, 16:42, par VITAL
NIBIHANGANE UWUZIHAKUYE ZIRAMURYA
26 Ruheshi 2015, 17:06, par Sikonabisanze
Turahumurij abobose babuz imana ibonger inguv zukwihangana!! Kand tugasabir ab bene wacu bitavy imana koyobashira mubiganz vyayo!! Nkasab yuk imana ikwiy kongera kwiyerekan mugihug cac!! Ew faraon nkurumb uratumariy mukuzimu ntiwibz ngo imana ntiyumv amarira yacu!! Twigumy ntamvura idahit
26 Ruheshi 2015, 17:18
Babishe buhoro bagira yiki nababazwa nuwo basanga muhira none nibo bigemuriye inyama
26 Ruheshi 2015, 18:19, par masabo
Mwemeye guhendwa na munoho pacific none raba ingaruka mbi. Umuryango uriko wirira inyama hanze natwe turiko turaryana
26 Ruheshi 2015, 19:42, par twisuzume
abavuga ayamuhe bokwitonda bo bapfuye bishwe nabashimye gushira inda zabo imbere bakibagira amarira y ’abanyagihugu ariko rero ikibi ntikizotsinda iciza
26 Ruheshi 2015, 21:47, par Abdur
Natwe,abarimumahanga, Turabasengera, Iddua
27 Ruheshi 2015, 10:22, par fidelité
James
Ivyo uvuze ndagushigikira,mbe aho bavuga ngo ikibi gitsinde iciza,urya mwana w’umuhutu baturiye mw’i pine bari baziko batazomwishura cake ba baboyi b’abahutu babohera mu ma kanivo ?Igihugu bashatse kukigira umunyota imana irakinga none bariko biriza,mbega barya bahutu baturiwe abandi bakicwa bahuriye he na mandat ya kabiri ya nkurunziza? abo bicanyi ntawe bazongera guhenda be n’ibindi bihutu bibakurikira bitigeze bibonako abatutsi bari bateguye iyindi jenocide yo kumara abahut bitwaje imbonerakure.
28 Ruheshi 2015, 10:18, par rutumo jean
ni bihangane pacifique na mbonimpa bazobahoze. ikiri mwibarabara mwarakibonye. amarira muyakura hafi abaturiw mwibaza ko batagira ababo. nugwo gwabishe
28 Ruheshi 2015, 21:21, par kadogi
Umugabo mbwa aseka umupfu. Ntakindi nongeyeho.
11 Gitugutu 2015, 21:48, par Jean Claude
Mbanje kubaramutsa mwebwe musoma iyavuzwe mukagira nico mubivugako. Kuriyi sujet ,nashaka gutangurira kumugani abasokuru baciye ati: uhora uwawe ukamara umuryango. Ibihe nkivyo vyarabaye muri kahise m’uburundi eka nokwisi hose ,nico gituma hama ingorane nkizo kw’isi ;’’kwihorahorana ’’ Mumico y’abantu bavyita ’’ubugabo’’, ubuhizi. Bavukanyi ,nimuhinduke ,mutahure , uwo mugani ntiwaciwe n’ Abasokuru. Imana yarabibukije , n’umwibutsa . uwufise amatwi yume ,uwufise amaso abone . Iryo hinduka rero nirihe ngaha : uwarira unomunsi yame yibuka ko uruhara rwiwe rukomeye mubihe bizokurikira , uwo nawe ariko aratwenga abarira unomunsi nawene amenye ko ataco ahinduye azohava amera nkabo barira muri kazoza . Ndabateye akamo muhinduke mwese ,ntimugume muriyo mico y’umwijima .
Hari ikintu gikomeye kubantu bemera Imana : igihe Imana yasaba Ibrahim umwana wiwe kwishikanwa, uko mubifata siko bimeze. Ibrahim amaze kuronka intumwa imubwira ati ntiwice umwanawawe kuko Imana yabonye kowayubashe ,utashatse kuyima umwanawawe. Namwe nimube nka Ibrahim, ntimurire ngo murabuze uwo mukunda ,ahubwo nimumuhereze Imana numunezero, aho muzobona ibitangaza vy’Imana aho mutazosubira kubura abo mukunda kubera muzoba mwemeye inzira zayo. Mugabo ikosa mutokora ninkiryo Ibrahim yakoze muguca yica Intama akauga ngon’Imana yayimuhaye ngo ayitange mukibanza c’umwana wiwe ! Ivyo nivyo yakoze kubera imico yabatanguye imbere yiwe banye bakora ngo nugutanga ikimazi ku Mana. Mwibuke ko kwica icarico cose arigicumura. Tuzobandanya hanyuma .Mukomere
15 Gitugutu 2015, 06:27, par ALOYS
UNVA NAGAHINDA
1er Nzero 2016, 21:26, par @
GABURE UBURUNDI MUBUHE IBIHUGU BIHANA IMBIBE NDABE KO PETERO NK ASUBIRA KUVYURA UMUTWE
29 Rusama 2016, 17:41, par Nono
Nickmeze Basenge Tu Imana Irabnamarira Yabo
6 Ruheshi 2016, 15:37, par ndandaye
nizereko mwaje gusenga vyukuri atari guheza izo bougie ngo bagirengo murikumwe na mpwemu yera naho shwi!!!burya inkuba irabije ntukagire ngo mara abansi,nabakunzi birajana:kera mu kamenge canke ahandi hose abakomagu bahoneje abantu,ntanumwe muri mwebwe yakije na bougie munzu yiwe ngo yibuke imiryango iriko ihorwa ubusa!ubu rero mwayayujwe nurumogi muriko mwatsa za bougie mu misa!!abazimu mwaturiye mumapneus sha bazokoresha ibidakorwa,nurumogi mwanyoye!ndaciwe ndagiye!!
18 Myandagaro 2016, 12:09, par NZEYIMANA
MURIHENDA IBIVYOSE MUGIRA BIZOHINDUKA VUBA
2 Ntwarante 2018, 05:39, par SINDAYIHEBURA FIRMIN
ARIKO BAKATORIKA BARIZE KANDIBASOMABIBLE ARIKOWOSABIRA UWAPFUYE HAMWEYOBAYAPFUYE ATIHANYEB4AKUNDA? SUBIRAKWI SEMINAL,MUSOME