Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yatanguje ubuhinga "CECM AKARAVYO" ku banywanyi ba (...)
Econet Leo yatanguje ubuhinga "CECM AKARAVYO" ku banywanyi ba CECM
Thursday 26 July 2018, by
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM Marie Louise NSABIYUMVA yamenyesheje ko ubwo buhinga bushasha bwa CECM AKARAVYO batanguje mw’ishirahamwe ryabo rizofasha abanywanyi bakora urugendo rurerure mu ntumbero yo kubitsa canke kubikura amafaranga yabo ubu bagiye kuzobikorera aho bari batarinze gufata urugendo bakoresheje terefone ngendanwa yabo.

Marie Louise yavuze ati:“Imvura irabije ishika hose,umuntu aho azoba ari hose ashaka gutora amafaranga azobikora. ”
Marie Louise NSABIYUMVA yavuze ko ubwo buhinga bwa CECM AKARAVYO batanguje bizofasha abanywanyi bahora batonda imiringo gukoresha terefone ngendanwa yabo kugira barabe ubutunzi bwabo buri kuri konte,kubitsa canke kubikura amafaranga bakoresheje terefone ngendanwa aho bazoba bari hose,gushobora kurungikira amafaranga umuntu wariwe wese aho ari hose, hamwe no guhabwa ubutumwa bugufi “SMS” mu gihe hashizwe amafaranga kuri konte yabo canke ikonte ifise amadeni.
Umuyobozi mukuru w’igisata ca Ecocash mw’ishirahamwe ryo gutamatumanako Econet Leo,Wood Gitobo yamenyesheje ko ubuhinga bwa CECM AKARAVYO batanguje mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana CECM ari uburyo bwihuta bukora mu gihugu cose kandi umunywanyi waryo ashobora kubaza no gukora ico yipfuza cose kuri konte yiwe umwanya wariwo wose naho aba ari hose.

Wood Gitobo yavuze ko ushize amafaranga kuri konte canke uyakuyeko ukoresheje CECM AKARAVYO terefone ica ibikwereka ubwo nyene bikazokorohereza abanywanyi bafise ama konte muri CECM amasaha yose bazoba bipfuza kubika canke kubikura.
Kubijanye n’amafaranga akatwa iyo umuntu abikuje kuri konte yiwe akoresheje CECM AKARAVYO,yaba umuyobozi mukuru wa CECM canke umuyobozi w’igisata ca Ecocash muri Econet Leo bavuze ko amafaranga akatwa atari menshi ugereranije n’ayo umunywanyi yokoresha mu kwiyunguruza aje kubikorera ku biro vya CECM.
Bose bavuze bati:“Hariho amafaranga umuntu akatwa abikuje ariko ni make cane,uvuye aho uba ukaja gutora amafaranga ku biro vy’ishirahamwe CECM itike n’umwanya uba ukoresheje usanga ari vyinshi gusumba ayo wokatwa.”
Uwaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura yashimiye CECM kubona yatanguje ico gikorwa c’ubuhinga bushasha kuko bufasha abantu bafise amikoro make yo kwiyunguruza ndetse bigatera umwizero ku bantu yuko ubutunzi bwabo buba bubitse neza.
Umwe mu banywanyi ba CECM yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE ,Claudine HARAGAKIZA yamenyesheje ko ubuhinga “CECM AKARAVYO” bwatangujwe babushimye kuko ata munywanyi azosubira gufata umwanya wiwe ngo arinde gushika ku cicaro ca CECM yongere atonde imirongo.
Claudine HARAGAKIZA yavuze ati: “Ubu bigiye kutworohera gukoresha terefone ngendanwa kandi nta bwoba tuzogira bwo kwibwa nkuko vyahora kare umuntu yajana umuganda w’amafaranga mu maboko.”
Umunywanyi wa CECM kugira azoshobore kubika,kubikura ,kwishura ideni akoresheje CECM AKARAVYO ategerezwa kuzoba afise umurongo wa Econet Leo,kuba ukoresha EcoCash hamwe no kwemera amasezerano ajanye navyo.
Ubuhinga bwa EcoCash busanzwe bukoreshwa mu bihugu vya Lesotho,Zimbabwe ,Afirika y’Epfo hamwe no mu Burundi.
Ushaka gukoresha ubwo buhunga bwa CECM AKARAVYO ufyonda *444#,ugashiramwo igiharuro kabanga cawe ugaca uhitamwo igiharuro 6(ibikorwa vya banki) arivyo bigufasha gukura kuri ECOCASH urungika kw’ikonti yawe yo muri CECM,gukura kw’ikonti yawe mw’ibanki CECM urungika kuri ECOCASH hamwe no kuraba ibiheruka gukorerwa kw’ikonti yawe ya ECOCASH.









Vianney BIKORIMANA
Forum posts
26 July 2018, 21:12, by Mama
Akaravyo niki?
Jewe nibajije kwarijambo rivyuye mukunyaruka/kwihutisha (NGOGUSHIKAYO N’AKARAVYO)
Mumbonera ivyojambo naritahuye?
Ninaba ntaritahuye rizakuba ari ikinyarwanda rivuga mukirundi AGASHURWE.
29 July 2018, 10:06, by Salathiel Damian Ishimweniryayo
NONE IYO CECM NINKA M-PESA YO MURI TANZANIA? NTAHUZA.
5 August 2018, 20:18, by nduwimana olivier
nivyieza burund bwacu trimbr nka amlican so kuri jew mbona arivyiza cn gs mb uriyandikisha kugira uronk ubwobuhinga mumbwir kko jew sindihaf yigihugu ndikur cn gs mumbwir mwob mukoz cn
5 August 2018, 20:29, by olivier nduwimana
kurivyo bishash mureo yacu so vyokundako woza urariira umuriro urihanz arko ukoreshej ubwobuhinga nkatw turikur yigihugu?