Espagne:FC BARCELONA yatahukanye igikombe c’Umwami

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Rusama 2017 saa 08:49
Yasomwe : 8136
0 0

Umurwi wa FC BARCELONA niwo watahukanye igikombe c’Umwami mu gihugu ca Espagne,inyuma y’urukino rwo mw’ijoro ryo kuri uno wa gatandatu igenekere rya 27 Rusama,umwaka wa 2017 rwawuhuje n’umurwi wa Alaves.

Ku munota wa 30 gusa, umukinyi Lionel Messi yari atsinze igitsindo ca mbere c’umurwi wa FC BARCELONA ,ariko inyuma y’iminota itatu gusa, umukinyi Theo Hernandez atsinda igitsindo c’umuriwi wa Alaves.

Ku buhinga bwinshi bw’umukinyi Lionel Messi,ku munota wa 45,yatanze umupira uvuye ku ruhande,awuhereza umukinyi Neymar aca yinjiza igitsindo ca kabiri c’umurwi wa FC BARCELONA, igice ca mbere gica gihera ari ibitsindo bibiri vya Barcelona ,ku gitsindo kimwe c’umurwi wa Alaves.

Inyuma y’iminota itatu gusa igice ca kabiri c’urukino gitanguye,inyuma y’ubundi buhinga bwakozwe na Lionel Messi,umukinyi Paco Alcacer yinjije igitsindo ca gatatu c’umurwi wa FC BARCELONA,urukino ruca ruhera ari ibitsindo bitatu vya FC BARCELONA ku gitsindo kimwe ca Alaves.

Intsinzi y’umurwi wa FC BARCELONE mu gikombe c’umwami mu gihugu ca Espagne,ije guhoza amarira y’abakunzi b’umurwi,inyuma yo gukurwa mw’ihiganwa rya Ligue des Champions n’umurwi wa Juventus de Turrain wo mu gihugu c’Ubutaliyano.

Kibaye igikombe c’umwami kigira 29 umurwi wa FC BARCELONA utahanye, mu gihe umumenyereza Luis Henrique wa FC BARCELONA nawe aric gikombe ca nyuma arnse amenyereza umurwi wa FC BARCELONA.


Kumenyekanisha

1
jean baptiste ndayizeye 31-05-2017 à 16:17

Ndashimiye abakunzi ba barca bose uko bifashe twironkey icagikombe.luis anerque numutama niyirambir yarabikoz bhqya sibike.J baptiste ndayizeye to nyarubano vugizo.fans barca

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha