Espagne : Kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho karindiriwe na benshi

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 3 janvier 2018 saa 05:17
Yasomwe : 9180
0 0

Mu gihe isoko rito ryo kugura no kugurisha abakinyi (mercato hivernal) ryuguruwe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Nzero 2018, kazoza k’umukinyi Philippe Coutinho akinira umugwi wa Liverpool mu gihugu c’Ubwongereza, gahanzwe amaso n’abatari bake, na cane cane ibimenyesha makuru vyo mu bwongereza no muri Espagne, inkuru ivugwa ikaba ari igurishwa ryiwe mu mugwi wa Fc Barcelona.

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Mundo Deportivo co mu ntara ya Catalogne ivamwo umugwi wa Fc Barcelona, abarongozi b’umugwi wa Fc Barcelona boba bashize ku meza amafaranga ashika imiriyoni 150 z’amanyaburaya kugira bagure umunya Brésil Philippe Coutinho.

Mu gihe Liverpool yokwemera kumurekura, Philippe Coutinho w’imyaka 25 azoca aba umukinyi agira 3 aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru, inyuma ya mugenzi we Neymar Junior yaguzwe imiriyoni 222 z’amanyaburaya, hamwe n’umufaransa Kylian Mbappé yaguzwe imiriyoni 180 ava muri Monaco aja muri Paris Saint Germain.

Mu gihe inkuru ya Coutinho ishushe ku mbuga ngurukanabumenyi, ishirahamwe Nike rikora rikongera rikadandaza ivyambagwa ari naryo ryambika umukinyi Philippe Coutinho, ryarayiciye umurya mu mpera z’iyi ndwi irangiye mu gukora bakanashira ahabona umwambaro wa Fc Barcelona uriko izina rya Philippe Coutinho yanditseko inomero 7.

Mwomenya ko kw’isoko ryo kugura no kugurisha ryo mu mwaka urangiye, vyanse ku munsi wa nyuma ko Fc Barcelona itahukana Philippe Coutinho, ivyababaje cane abakunzi b’umugwi wa Fc Barcelona


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha