Accueil > Inkino > FOOTBALL > Espagne: Lionel Messi yinjije ibitsindo bine wenyene ku munsi wa 5 (...)
Espagne: Lionel Messi yinjije ibitsindo bine wenyene ku munsi wa 5 w’ihiganwa
mercredi 20 Nyakanga 2017
Urukino rwo ku munsi wa 5 w’ihiganwa rya La Liga mu gihugu ca Espagne rwakinywe kuri un wa kabiri igenekerezo rya 19 Nyakanga 2017, umurwi Fc Barcelone watsinze umurwi Eibar ibitsindo 6 ku gitsindo kimwe.
Muri urwo rukino umukinyi Lionel Messi weneyene yatsinze ibitsindo bine, mu gihe ibindi bibiri kimwe cinjijwe na Luis Suarez ikindi cinjiza umukinyi Paulinho.
Mu mateka yiwe nk’umukinyi w’umupira w’amaguru, umukinyi Lionel Messi ashoboye kwinjiza ibitsindo bine mu rukino rumwe, kuncuro ya kane, akaba yaheruka kwinjiza ibitsindo bine mu rukino rumwe mu mwaka wa 2013.

Mwomenya ko ku rutonde rw’infatakibanza rw’imirwi mw’ihiganwa rya Espagne,umurwi FC Barcelone uza mu kibanza ca mbere n’amanota 15, mu gihe umurwi mukeba wawo Real Madrid uza mu kibaza ca 5 n’amanota 8.
MUGISHA Van Naris