Espagne : Real Madrid yatahukanye igikombe ca Super coupe itsinze FC Barcelone

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 Myandagaro 2017 saa 09:43
Yasomwe : 7299
0 0

Umurwi Real Madrid watahukanye igikombe kigira indwi ca Super Coupe mu gihugu ca Espagne, inyuma yo gutsinda umurwi FC Barcelona ibitsindo bibiri ku busa mu rukino rwo gusubiza rwabereye ku kibuga Santiago-Bernabeu ca Real Madrid.

Mu rukino rwabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017, abakinyi b’inyuma b’umurwi wa FC Barcelone ntibashoboye kuzibira abasatirizi ba Real Madrid, kuko ku munota wa kane gusa w’urukino, umukinyi Marco Asensio yari yinjije igitsindo ca mbere ca Real Madrid.

Ku munota wa 39 w’urukino, bivuye ku guhagarara nabi kw’umukinyi w’inyuma wa FC Barcelone Samuel Umtiti, umukinyi Karim Benzema yinjije igitsinzo ca kabiri ku mupira yahawe n’umukinyi w’inyuma ku ruhande, Marcelo ,urukino ruca ruhera ku ntsinzi ya Real Madrid.

Mu rukino rwa mbere rwabereye ku kibuga ca FC Barcelone Camp Neu, umurwi Real Madrid watsinze ibitsindo bitatu kuri kimwe ca FC Barcelone.

Abakurikiranira hafi ivy’umupira w’amaguru n’umurwi FC Barcelone, bavuga ko kuba umukinyi Neymar yahora awukinira yagiye mu murwi wa Paris Saint Germain mu gihugu c’Ubufaransa vyasize ikinogo kinini muri uwo murwi, kuko n’ubu uwo murwi utararonka uwomusubirira neza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha