IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Europa Ligue: Manchester United yatwaye igikombe cayo ca mbere

Europa Ligue: Manchester United yatwaye igikombe cayo ca mbere

jeudi 25 Rusama 2017

Ku munota wa 18 mu gice ca mbere c’urukino rwabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Suede Stockholm,umukinyi Paul Pogba ava mu gihugu vcv’Ubufaransa yari yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi wa Manchester United.

Naho igice ca mbere c’urukino caheze umurwi wa Manchester United ugifise igitsindo kimwe gusa, inyuma y’iminota itatu gusa igice ca kabiri gitanguye, umukinyi Henrikh Mkhitaryan wa Manchester United yatsinze igitsindo ca kabiri,urukino ruca ruhera bikiri ibitsindo bibiri vya Manchester United ku busa bwa Ajax.

Kibaye igikombe ca mbere ca Europa League umurwi wa Manchester United utwaye, bica bituma umurwi wa Manchester United uronka uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, nah utari wabaye mu mirwi ine ya mbere mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’ubwongereza.

Mu gihe igihugu c’Ubwongereza cahora giserukirwa n’imirwi ine, mw’ihiganwa ry’umwaka uza rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, igihugu c’Ubwngereza kizoserukirwa n’imirwi itanu,ariyo Chelsea, Tottenham Hotspur, Manchester City, Liverpool hamwe na Manchester United.


Mugisha Van

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.