Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelona yakoze ibitari bwakoneke mu nkino za UEFA Champions (...)
FC Barcelona yakoze ibitari bwakoneke mu nkino za UEFA Champions League
jeudi 9 Ntwarante 2017, par
Umurwi wa FC Barcelona wakoze ibitazokwibagirwa ku bakunzi b’uwo murwi, aho waronka uburenganzira w’ukubandanya ihiganwa rya UEFA Champions League, mu gutsinda Paris Saint Germain ibitsindo 6 kuri 1. Ayo mahirwe ntiyari yitezwe na benshi kuko FC Barcelona mu rukino rwa mbere yari yatsinzwe ibitsindo bine vyose ku busa.
Mu rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, abakinyi ba FC Barcelona binjiye mu kibuga abenshi batabaha amahirwe yo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma. Kugira FC Barcelona ishobore kubandanya ihiganwa, vyasaba ko itsinda ibitsindo bitanu ku busa, ku kibuga cayo ca Nou Camp.
Ku munota wa gatatu gusa, Louis Suarez wa FC Barcelona yari amaze kwinjiza igitsindo ca mbere, abakinyi bagenzi we baca baronka umwete w’ukubandanya gusatira bikomeye, ari navyo vyatumye igitsindo ca kabiri cinjira ku munota wa 40, igice ca mbere kirangira ku ntsinzi ya bibiri vya FC Barcelona ku busa bwa PSG.
Igice ca kabiri kimaze iminota itanu gusa gitanguye, abakinyi b’inyuma ba PSG bakoreye ikosa umukinyi wa FC Barcelona, Neymar Junior, umusifuzi aca atanga "Penalty" yinjijwe neza cane na Lionel Messi.

Urukino rwahavuye ruhindura isanamu, aho ku munota wa 62, abakinyi b’inyuma ba FC Barcelona basamara, umukinyi wa PSG, Edinson Cavani abaca mu ryahumye abatsinda igitsindo cagaruriye icizere abakunzi ba PSG ku ruhande rumwe, ariko ico gitsindo kivuna umugongo w’abakunzi wa FC Barcelona ku rundi ruhande babona ko ata kundi basezerewe, kuko kugira uwo murwi ubandanye, vyasabwa ko ku minota yari isigaye, FC Barcelona yategerezwa kwinjiza ibitsindo bitatu, ikirinda ko PSG igira ikindi gitsindo ironka.
Ku munota wa 88, Neymar Junior wa FC Barcelona yashizemwo igitsindo ca kane, yongeramwo ica gatanu inyuma y’iminota ibiri gusa, kuri "Penalty". FC Barcelona yari isigaranye igikorwa c’ugutsinda igitsindo kimwe gusa kugira ibandanye.

Iminota 90 yagenewe urukino yaheze ico gitsindo kitaraboneka, umusifuzi abongera iminota itanu nayo nyene yabaye nk’impfagusa. Ariko hasigaye amasegonda 30 gusa kugira vyose birangire, Sergi Roberto wa FC Barcelona yinjije igitsindo catanze amahirwe y’ukubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma, umurwi wa PSG nawo uratekera urataha.

Umurwi wa FC Barcelona wabaye umurwi wa mbere mu mateka ya UEFA Champions League ubandanije ihiganwa inyuma y’ukuba wari watsinzwe ibitsindo bine vyose mu rukino rwa mbere.

IGIHE
Messages
9 Ntwarante 2017, 19:29, par NDAYISENGA
NAHO NOSIGARA NDUMWE SINOWUVINYUMA.
9 Ntwarante 2017, 19:31, par NDAYISENGA
NAHO NOSIGARA NDUMWE SINOWUVINYUMA.
10 Ntwarante 2017, 00:14, par RUKERI
UYU murwi wa BARCELONA gutahukana itsinzi y’ibitsindo 3 mu minota indwi ya nyuma y’urukino na PARIS SAINT GERMAIN WAGARURIYE IKIZERE gikomeye iyi Ekipe ya BARCA. Vive MESSI, NEYMAR na SUAREZ inkingi za BARCA
10 Ntwarante 2017, 07:21, par Cyriaque
Fc Barcelona Félicitation Tuzokuguma Inyuma Waraye Udukuye Mu Menyo Y’abatwenz! Abafana Ba Fc Barcelone Oyeee!!!
10 Ntwarante 2017, 08:03, par nijimbere Ferdinand
ahubwo barabeneza uryamurefa kurarya ma penarti. burya nubusuma.
10 Ntwarante 2017, 15:14, par marake,niyizoturera
jekubwanjenanze,nuk,uri,bariseron, nasanze,mubikoko,bikomeye,irimwo,ee.turavye,neyimare,iryakufura, nacrisiano,ntarayitera,iryapenarit,yamesinayo,jewe,ndayiheruka,1873,, ok,ndibazenamwe,abafana,komwayibonyukonyene,nivyishinoshoborakwandika,kuriruryarukino,
11 Ntwarante 2017, 17:10, par HASTA LA VICTORIA SIEMPLE
ndanezerew kub FC.BARCERONA yashoboye gutsinda ibitsindo 6-1 ca psgm.tukab turonse amahrwe yokubandanya mugice ca kane gishira icanye.
13 Ntwarante 2017, 17:42, par shebi
ntacobaturyany
17 Ntwarante 2017, 23:46, par jmarie misigaro
bidutera inguvu twebwe abafanzi buwomurwi wa fcb kuba waraduteturuy mugihe tubonye KO cavani adupfunze rirya gori kandi tukabona dix marie yaje uhindura umukino mugihe twarituramutse tunamutinya kumitwe yadupfungisha kumakona tukaba tumenyesha abakeba bacu bâ réal Madrid KO twebwe atabwoba dufita numusegonda wanyuma fcb irafunga
25 Ntwarante 2017, 14:43, par MPOZENZI Alain Geoffrey
Ego Caaneee Barabikoze Abakunda Barca Turaryoherwa
8 Ndamukiza 2017, 06:48, par Jackson
Ndarababaye Cane Kubona Barcelona Istinze Ndaraye Ntariye
28 Ndamukiza 2017, 22:34, par ric
nararyohew cane
4 Ndamukiza 2018, 20:40, par nduwayezu isaac
ndaramukije abafana bose ba barcelon ahomuriho
21 Myandagaro 2018, 21:17, par Twizerimana Sostene
Messi Niwemukinyiwambere Kwisi ?