Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FC Barcelona yanganije amanota na Real Madrid vy’agateganyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelona yanganije amanota na Real Madrid vy’agateganyo

FC Barcelona yanganije amanota na Real Madrid vy’agateganyo

lundi 24 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi wa FC Barcelone watahukanye amanota atatu ku bitsindo bitatu kuri bibiri vya Real Madrid mu rukino rwa El Classico rwabaye kuri uwu w’Imana.

Umurwi wa Real Madrid usanzwe ariwo uri kw’isonga mw’ihiganwa rya Espagne ku manota 75 watsindiwe ku kibuga "Santiago Barnabeu".

Uwo murwi wa Real Madrid niwo yatanguye kwinjiza ku munota wa 28, igitsindo cinjijwe na Casemiro, Lionel Messi wa FC Barcelona arikombora imbere y’uko igice ca mbere gihera.

Ku munota wa 77, kizigenza wa Real Madrid, Sergio Ramos yakoze ikosa kuri Messi, umuhagarikizi aca amuha ikarata itukura.

James Rodriguez yasubiriye mu kibanza ca Karim Benzema wa Real Madrid, yinjiza ica kabiri c’uwo murwi.

Imimota 90 yaheze ari ibitsindo 2 kuri 2, mu minota ibiri y’inyongera batanze, Lionel Messi yinjiza igitsindo ca gatatu ca FC Barcelona, ku mupira ahawe na Louis Suarez.

Imirwi ya FC Barcelona na Real Madrid yaciye inganya amanota 75, ariko Real Madrid ikaba ifise urukino rw’ikirarane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.