Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore cugawe vy’imfatakibanza
Ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore cugawe vy’imfatakibanza
jeudi 1er mars 2018
Ingingo yo kwugara ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE yafashwe kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, inyuma y’inama yahuje abagize umurwi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi akaba n’umukuru w’Inama nshingamateka Reverien NDIKURIYO ari kumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, baragenduye ico kibuga kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018.
Amakuru ava mu begereye uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, amenyesha ko inyuma y’urwo rugendo, basanze zimwe mu nyubakwa ziri inyuma y’ikibuga, harimwo ahakinirwa urukino rwa Judo zishobora gusamburwa mu ntumbero yo kucagura.
Kubera ivyo bikorwa, amakuru ava mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko inkino zo mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi, no mu gikombe c’umukuru w’igihugu zari zitegekanijwe kubera kuri ico kibuga, zungururijwe ku bindi bibuga.
MUGISHA Van Naris
Messages
17 mars 2018, 22:16, par Hakizimana Amani
Messi Na Lonardo Ninde Afise Ibitsindo Vyishi