FFB : Lumitel Burundi igiye gushigikira umurwi nserukiragihugu ku miriyoni 140 z’amarundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 février 2018 saa 10:28
Yasomwe : 2862
0 0

Ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel Burundi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB barashize umukono ku masezerano yo gufashanya y’amafaranga imiriyoni 140 z’amarundi. Ayo masezerano ajanye n’amafaranga ishirahamwe Lumitel Burundi ryatanze ategekanijwe gufasha umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.

Mw’ijambo ryiwe bahejeje gushira umukono kuri ayo masezerano, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO yavuze ko Lumitel Burundi isubiye gushira umukono ku masezerano yo gushigikira FFB, kuko amasezerano ya mbere bayubahirije.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yarashimiye ishirahamwe Lumitel Burundi ingene rifasha mw’iterambere ry’umupira w’amaguru mu Burundi, aca asaba n’ayandi mashirahamwe akorera mu Burundi gushigikira, kuko iterambere ry’umupira w’amaguru rikeneye abarishigikira.

Icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Lumitel Burundi Nguyen Huy Tan yamenyesheje ko ishirahamwe Lumitel Burundi rizobandanya gushigikira urukino rw’umupira w’amaguru mu Burundi, kuko biri mu ntumbero bihaye zo gutsimbataza ubumwe mu Barundi.

Nguyen Huy Tan yavuze ko kuba bahisemwo urukino rw’umupira w’amaguru atari kwishira mu ngorane, kuko urukino rw’umupira w’amaguru arirwo ruhuza abantu benshi, kandi rugafasha ko abantu baharira mu bugenzi.

Ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel Burundi rishigikiye umupira w’amaguru ku mwaka ugira gatatu, rikaba ryahora ritanga imiriyoni 90 z’amarundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha