FFB U16: Uko imirwi iserukira intara yatsindanye ku munsi ugira icenda w’ihiganwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 Myandagaro 2017 saa 12:47
Yasomwe : 5499
0 0

Ihiganwa ry’igihugu rihuza abakinyi batarenza imyaka 16 ryarabandanije ku munsi waryo wa 9 ,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Myandagaro 2017 mu ntara zitandukanye z’igihugu.

Mu karere k’Ubumanuko intara ya Rumonge yatsinze intara ya Makamba ibitsindo bibiri ku busa (Rumonge 2-0 Makamba),intara ya Mwaro itsinda intara ya Bururi igitsindo kimwe ku busa (Bururi 0-1 Mwaro).

Mu karere k’Uburaruko, intara ya Kayanza yanganije n’intara ya Ngozi igitsindo kimwe ku kindi (Kayanza 1-1 Ngozi) , mu gihe intara ya Muyinga yatsinze intara ya Kirundo, ibitsindo indwi vyose ku busa (Muyinga 7-0 Kirundo).
Umunsi w’icumi w’ihiganwa uzokinwa kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Myandagaro 2017. Imirwi iserukira intara izohura uku:

Cibitoke na Buja Rural mu Cibitoke
Buja Mairie I na Bubanza ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore
Rutana na Rumonge mu Rutana
Makamba na Bururi I Makamba
Ruyigi na Karusi mu Ruyigi
Gitega na Cankuzo i Gitega
Ngozi na Muyinga i Ngozi
Kirundo na Kayanza mu Kirundo

Izo nkino zose zizotangura isaha umunani.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha