FFB-U16 : Uko imirwi yatsindanye ku munsi ugira gatanu w’ihiganwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 Mukakaro 2017 saa 11:51
Yasomwe : 6507
0 0

Ihiganwa rihuza imirwi y’intara ikinamwo abakinyi bafise imyaka iri munsi ya 16 mu rukino rw’umupira w’amaguru rirabandanya.Ku munsi ugira gatanu w’ihiganwa,inkino zitandatu nizo zakinywe.

Amakuru dukesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko ku munsi wa gatanu w’ihiganwa ,imirwi yatsindanye uku :

Umurwi wa Mairie 1 watsinze ibitsindo bitanu ku busa bw’umurwi wa Mairie2,umurwi w’intara ya Cibitoke watsinze umurwi w’intara ya Bubanza,ibitsindo bibiri ku busa, mu gihe umurwi w’intara ya Rutana watsinze umurwi w’intara ya Bururi ibitsindo bitatu ku busa bw’umurwi w’intara ya Bururi.

Mu zindi nkino, umurwi w’intara ya Makamba watsinze umurwi w’intara ya Mwaro ibitsindo bitatu ku bitsindo bibiri vy’intara ya Mwaro,umurwi w’intara ya Muramvya watsinze umurwi w’intara ya Gitega igitsindo kimwe ku busa.

Urukino rwa nyuma kuri uwo munsi wa gatanu w’ihiganwa, rwahuje umurwi w’intara ya Cankuzo n’intara ya Ruyigi,umurwi w’intara ya Ruyigi watsinze umurwi w’intara ya Cankuzo ibitsindo bine ku busa.

Izo nkino zo ku munsi wa gatanu zabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 30 Mukakaro 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha