IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Uburundi bugiye guserukirwa mu nkino za Football for friendship

FFB : Uburundi bugiye guserukirwa mu nkino za Football for friendship

vendredi 23 mars 2018

Mustapha SAMUGABO, icegera ca kabiri c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB,amenyesha ko igihugu c’Uburundi kizoserukirwa n’abana babiri, umwe akazokwitaba ihiganwa nk’umumenyereza w’umurwi Uburundi burimwo, uwundi akazokwitaba nk’umumenyeshamakuru.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko Uburundi buri mu murwi wiswe ‘’Intare’’, ‘’Lion’’ mu rurimi rw’igifaransa, uwo nawo ukazoba urimwo ibihugu indwi,arivyo, Sri Lanca,Singapour,Bahleine,Chilie, Armenie, Afrika y’Epfo hamwe n’Uburundi, aho igihugu cose kizotanga umukinyi umwe mu bakora umurwi ugizwe n’abakinyi indwi.

JPEG - 141.8 ko
Mustapha SAMUGABO, icegera ca kabiri c’umukuru wa FFB

Mustapha SAMUGABO avuga ko izo nkino ari ngira kamaro ku bana bakiri bato, kuko bazoboneraho akaryo ko kwigishwa no kuganira ku bijanye n’ubugenzi, ukungana, gufatana munda,amagara meza,ukwitanga, intsinzi, akaranga, ukuryoherwa hamwe n’amahoro.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi, ishirahamwe ry’umupira w’amageu kw’isi FIFA ryasavye ko kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza, hatunganywa umunsi wahariwe y’urwo rukino rwa Football for Friendship.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ribifashijwemwo n’abamenyeshamakuru b’inkino, bakaba batoye abana babiri bazoserukira Uburundi, Karlstern Ferrow nk’umumenyereza hamwe na Enzo GIHUNGERE nk’umumenyeshamakuru.

JPEG - 169.3 ko
Karlstern Ferrow, yatowe guserukira Uburundi nk’umumenyereza

Abo bakinyi bakaba batowe hisunzwe ko bavuga kandi bumva ururimi rw’icongereza bakaba kandi banakurikirana cane ibijanye n’inkino, batowe hisunzwe kandi imyaka isabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu FIFA.

JPEG - 168.1 ko
Enzo GIHUNGERE, yatowe guserukira Uburundi nk’umumenyeshamakuru

Mustapha SAMUGABO, icegera ca kabiri c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, akaba yamenyesheje ko, ishirahamwe FIFA risaba ko umumenyereza aba afise imyaka iri hagati ya 14 na 16, mu gihe umumenyeshamakuru aba afise imyaka 12.

Abo bana batowe bazoronka akaryo ko kuraba urukino rwa mbere ruzokwugurura ihiganwa ry’igikombe c’isi, ruzohuza igihugu c’Uburusiya na Arabiya Saoudite.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.