IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Umunyezamu wa Vitalo FC yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa (...)

FFB : Umunyezamu wa Vitalo FC yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Ndamukiza

jeudi 10 mai 2018

Jonatha NAHIMANA yahiganwa n’abandi bakinyi babiri, Danny Cédrick URASENGA wa Messager Ngozi, hamwe na SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba.

Amakuru dukesha ikinyamakuru burunsisport.com, amenyesha ko Jonathan NAHIMANA yatowe ku majwi 34,5 kw’ijana, SHAKA Bienvenue atorwa ku majwi 32,8, mu gihe Danny Cédrick URASENGA yatowe ku majwi 32,7.

Imirwi ibiri ikaba ariyo itora umukinyi yaranze ukwezi mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, iyo nayo ikaba igizwe uwa mbere, n’abamenyeshamakuru, uwa kabiri ukaba ugizwe n’abakunzi b’umupira w’amaguru aho barungika ubutumwa kuri terefone ngendanwa.

JPEG - 259.3 ko
Jonathan NAHIMANA, umunyezamu wa Vitalo FC (Photo : burundisport.com)

Kuva agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza ku kwezi kw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, ribaye irya mbere aho ako gashimwe gahabwa umunyezamu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.