IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB : Umurwi Kayanza United waronse uburenganzira bwo gukina mu cicaro ca (...)

FFB : Umurwi Kayanza United waronse uburenganzira bwo gukina mu cicaro ca mbere

lundi 7 mai 2018

Umurwi Kayanza United waronse ubwo burenganzira inyuma yo gutsinda umurwi Les Crocos wo mu ntara ya Bubanza , ibitsindo bitatu ku busa , mu rukino rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Rusama 2018.

Mu zindi nkino, zo kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Rusama 2018, imirwi yatsindanye uku gukurikira :

Rumonge city 2-2 Magara stars.
Les Eléphants 2-0 Busoni star.
Transport Fc 2-0 Rukinzo Fc.
Muzinga 1- 0 Bumamuru Fc

Mu nkino za kuw’Imana igenekerezo rya 6 Rusama 2018, imirwi yatsindanye uku gukurikira :

ESpoir 0-2 BS Dynamik
Volontaire Fc 3-0 Rusizi fc
Unité Fc 1-0 Moso sugar.

Hasigaye urukino rumwe kugira ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca kabiri rirangire, Transport Fc uri mu kibanza ca kabiri mu murwi A, uzokina n’umurwi Volontaire FC wabaye uwa kabiri, mu murwi B.

Gushika ubu, umurwi Kayanza United, uciye usanga Rukinzo FC w’igiporisi nawo wahora mu cicaro ca kabiri, mu cicaro ca mbere Primus Ligue Burundi ry’umwaka uza wa 2018 ushira uwa 2019.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.