IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB yagenye abamenyereza b’imirwi nserukira gihugu muri CAN2019 na CHAN (...)

FFB yagenye abamenyereza b’imirwi nserukira gihugu muri CAN2019 na CHAN 2018

lundi 30 Nzero 2017

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien NDIKURIYO yagenye abamenyereza b’imirwi nserukira gihugu igiye gutangura inkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja mu mahiganwa ya CAN 2019 na CHAN 2018.

Nk’uko biri mw’itangazo ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 30 Nzero umwaka wa 2017, ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ,abamenyereza bazomenyereza umurwi nserukira gihugu uzorondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa rya Afrika rihuza abakinyi bakina mu bihugu vyabo kizoba mu mwaka wa 2018 CHAN 2018,ni :

NIYUNGEKO Alain Olivier azoba ari umumenyereza mukuru, icegera ciwe ni BIPFUBUSA Joslin, umumenyereza w’abanyegori nawe ni Amidou Hassan.

Abamenyereza bazomenyereza umurwi nserukira gihugu uzorondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu CAN 2019 uzomenyerezwa na NIYUNGEKO Alain Olivier,icegera ciwe ni NTAKAGERO Omar ,umumenyereza w’abanyegli nawe ni NIYONKURU Vladimir.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.