IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : Senegal iza ubwa mbere ku mugabane wa Afrika

FIFA : Senegal iza ubwa mbere ku mugabane wa Afrika

jeudi 23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Senegal caje mu kibanza ca mbere ku rutonde rw’ibihugu vya Afrika kirenganye ibihugu vya Tuniziya na Misiri vyaza mu bibanza bibiri vya mbere, imbere y’uko Senegal itsinda Afrika y’epfo mu kurondera itike yo kuja mu gikombe c’isi mu mwaka wa 2018 mu gihugu c’Uburusiya.

JPEG - 152.5 ko
Umurwi nserukiragihugu wa Senegal

Kuri urwo rutonde rwa FIFA rwo mu kwezi kwa Munyonyo 2017, igihugu ca Burkina Faso caduze ibibanza 11 gica kiba ic’9 ku rwego rwa Afrika hamwe no mu kibanza ca 44 ku rwego rw’isi.

Ku rutonde rw’ibihugu cumi vya mbere muri Afrika, haza Senegal, Tuniziya, Misiri, RDC, Maroc, Burkina Faso, Cameroon, Nijeriya, Ghana hamwe n’igihugu ca Cote d’Ivoire.

Ibihugu biza ubwa mbere ku rutonde rw’isi rwa FiFA ni Ubudagi, Bresil, Portugal, Argentine hamwe n’igihugu c’Ububirigi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.