FIFA:Umurwi nserukiragihugu ’’Intamba mu Rugamba’’ waduze ibibanza 27

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 Mukakaro 2017 saa 12:52
Yasomwe : 10332
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru ‘’Intamba mu rugamba’’ waduze ibibanza 27, ku rutonde rw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’Isi FIFA rwama rusohoka uko ukwezi guheze.

Mu kwezi kwa Rusama,umurwi nserukiragihugu ‘’Intamba mu Rugamba’’ wari mu kibanza c’148, inyuma gato y’umurwi nserukiragihugu wa Sudani yo mu Bumanuko,mu gihe ku rutonde rw ‘ukwezi kwa Ruheshi,Uburundi buza mu kibanza c’121.

Ku mugabane wa Afrika,ibihugu 10 biza mu bibanza vya mbere ni : Misiri, Senegal, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Tunisia, Cameroun, Nigeria, Burkina Faso, Algeria, Ghana na Cote d’Ivoire.

Tanzaniya yaduze ibibanza 25 iba iya 114, Ubuganda busubira inyuma bibanza bitatu iba iya 74,mu gihe umurwi nserukiragihugu w’Urwanda waduze ikibanza kimwe,uva ku kibanza c’128 uja ku kibanza c’127.

JPEG - 35.5 ko
Intamba mu rugamba,imbere y’urukino na Sudani yo mu Bumanuko

Kumenyekanisha

1
bukuru elias daniel 6-07-2017 à 18:17

tanzania yaduze ibibanza 25 apana 15 mwihenze nimukosore iyonkuru yanyu.Merci

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha