IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA yahagaritse imirwi yo mu gihugu ca Sudani kwitaba inkino (...)

FIFA yahagaritse imirwi yo mu gihugu ca Sudani kwitaba inkino mpuzamakungu

vendredi 7 Mukakaro 2017

Mw’ikete ry’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryo kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2017,ishirahamwe FIFA ryagiriza ubutegetsi bw’igihugu ca Sudani kwivanga mw’itunganywa ry’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani SFA(Sudan Football Association).

Muri iryo kete, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rimenyesha kandi ko ata muntu n’umwe ava mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani afise uburenganzira bwo gukurikirana ivyigwa bitunganywa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru kw’isi FIFA rimenyesha ko iyo ngingo ishobora guhagarikwa umwanya wose, imbere y’uko hakorana inama ya FIFA ,mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani ryotorera inyishu ikibazo c’uburongozi.

Ibihano vy’afatiwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Sudani bishobora gutuma imirwi iva mu gihugu ca Sudani iri mw’ihiganwa rya confederation cup na Champions League ku mugabane wa Afrika,idakina inkino zitegekanijwe mu mpera z’iyi ndwi.

Ivyo bihano nyene bishobora gutuma urukino rutegekanijwe hagati y’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Sudani kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017,mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CHAN rizobera mu gihugu ca Kenya rutaba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.