Football:Abigeme batarenza imyaka 15 bagiye guhurira mw’ihiganwa

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 26 janvier 2018 saa 03:16
5715
0 0

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero, igisata kijejwe guteza imbere umupira w’amaguru w’abigeme wateguye ihiganwa rito ry’abigeme batarenza imyaka 15, ihiganwa rizobera ku kibuga c’ubuhinga (Centre technique national de football), muri zone Ngagara.

Daniella Nimenya, umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’abigeme amenyesha ko intumbero y’iryo higanwa ari ugutera intege ba nyene imirwi, hamwe n’abamenyereza babo ku kugene bitanga, hamwe no gufasha imiyabaga ikunda urukino rw’umupira w’amaguru kugira bagaragaze impano zabo.

Iryo higanwa rikaba rizokinwa n’imigwi 5 ariyo PVP Buyenzi, La Colombe FC, Buterere FC, Umutima FC hamwe na Fidelitè FC.Inkino zikazoba mu mirwi ibiri.

Mu murwi A :
1. La Colombe Fc
2. PVP Buyenzi

Mu murwi B :
1. Buterere FC
2. Fidelité FC
3. Umutima FC

Mu matageko y’iryo higanwa, nk’uko bimenyeshwa na Daniella Dushime, mu kibuga hazokina abakinyi 10 ku murwi bakazokina iminota 30 urukino rwose.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha