Football : Gilbert KANYENKORE yasubiye kuba umumenyereza wa Vital’o

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 9 février 2018 saa 06:01
Yasomwe :
0 0

Gilbert KANYENKORE, batazira Yaoundé, yamenyereje imyaka itari mike umurwi wa Vital’o, yongeye kwizerwa mu kugarukanwa mur’ayo mabanga kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018. Hakaba hatowe umurwi mushasha w’ubuhinga inyuma yaho uwahora ari umumenyereza mukuru Nzeyimana Mailo atangiye imihoho.

Umurwi w’ubuhinga mushasha wa vital’o ugizwe na KANYENKORE Kagabo Gilbert umumenyereza mukuru,akazokorana na Harerimana Haruna, Niyonkuru Djumaine hamwe na Amidou Hassan amenyereza abanyegori.

KANYENKORE Gilbert yamenyesheje ko afise umunezero ntangere kubona yasubiriye kwizerwa ngo amenyereze umurwi wa Vital’o inyuma y’igihe kitari gito avuye muri uwo murwi.

Gilbert KANYENKORE akaba yari yagiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho yamenyereje imirwi ya Kiyovu na Bugesera. Kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2017, Kanyenkore Gilbert yahora yigisha umupira mwishuri ryo mu Rumonge ryegukira Vital’o


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha