Gihosha: Abanyagihugu basaba ishirahamwe REGIDESO kubaronsa amazi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 Ntwarante 2017 saa 08:03
Yasomwe : 1701
0 0

Inyuma y’indwi irenga ama quartier ya Gihosha na Mutanga Nord zo muri zone Gihosha, komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura ata mazi ahaboneka, abanyagihugu basaba ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO gukora ibishoboka kugira baronke amazi.
Abanyagihugu bo muri quartier ya Gihosha na Mutanga Nord bavuga ko badatahura ingene hahera iminsi irenga indwi ata mazi baronse kandi mu bindi bice vy’igisagara amazi ahari.
Abo banyagihugu bamenyesha ko batanguye kugira ubwoba ko (...)

Inyuma y’indwi irenga ama quartier ya Gihosha na Mutanga Nord zo muri zone Gihosha, komine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura ata mazi ahaboneka, abanyagihugu basaba ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO gukora ibishoboka kugira baronke amazi.

Abanyagihugu bo muri quartier ya Gihosha na Mutanga Nord bavuga ko badatahura ingene hahera iminsi irenga indwi ata mazi baronse kandi mu bindi bice vy’igisagara amazi ahari.

Abo banyagihugu bamenyesha ko batanguye kugira ubwoba ko indwara zivuye kw’isuku rike zishobora gutangura kwibonekeza muri ico gice c’igisagara ca Bujumbura.

Mw’ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO bamenyesha ko ikibazo c’ikena ry’amazi muri zone ya Gihosha bakizi, bakizeza abanywanyi babo ko, kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017 ico kibazo gishobora gutorerwa inyishu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha