Harry Kane yaciye imbere Lionel Messi mubinjije ibitsindo vyinshi ku mwaka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 décembre 2017 saa 02:52
11430
0 0

Umukinyi w’umwongereza Harry Kane akinira umurwi Tottenham Worsbourg yaraye akuye mu kibanza ca mbere umukinyi Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone, ku rutonde rw’abakinyi binjije ibitsindo vyinshi mu mwaka umwe.

Inyuma y’urukino rwahuje umurwi Tottenham n’umurwi wa Southampton , umukinyi Harry Kane yaciye akwiza ibitsindo 56, inyuma yo gutsinda wenyene, ibitsindo bitatu mu rukino.

Harry Kane aje imbere ya Lionel Messi yari asanzwe mu kibanza ca mbere n’ibitsindo 54, mu gihe Christiano Ronaldo wa Réal Madrid, Robert Lewandovski wa Bayern Munich na Edinson Cavanni wa Paris Saint Germain base bafise ibitsindo 53.

Imbere y’uko urukino rutangura, Harry Kane yategerezwa gutsinda ibitsindo 2 kugirango ashobore guca imbere Lionnel Messi afise ibitsindo 54,mu mwaka wa 2017.

Urukino rutanguye igice ca mbere carangiye Harry Kane yakoze ico yategerezwa aho iminota mirongo ine yaheze amaze gutsinda ibitsindo 2, ica gatatu kikaba cabonetse mugice ca kabiri.


Kumenyekanisha

1
Tuyikorere Diotrèfe 21-01-2018 à 08:17

Messi Naho Bamuciye Niyihangane Azosubirakukibanzaciwe Niyigenzaneza muruyumwaka

2
Olice Ndayihimbaze 15-01-2018 à 15:27

Turashima Aba Fanzi Ba Fc Barcelona Ukuntu Iguma Iduha Ibintu Vyiza.

3
Ndayikeza Valentin 11-01-2018 à 14:33

Kuri Hery Kane Muvyukur Numusatiriz Akomey Cane Aho Agez Kugweg Rwokurondegw Nimirw Nka Real Madrid Kur Jew Nkumufansi Wa Real Madrid Nipfuz Koyoz Gukinr Umurw Wa Real Kuk Madrid Ititeguy Imber Sihez Kuko Barça Iripanz Neza Can. Nagomb Gusab Vyogend Gt Kugra Muz Muranshtsaho Inkur Zumupir Burimus ?

4
Nishimagizwe Cyprien 8-01-2018 à 20:57

I Wish A Gd Luck Too Mr Harry Kane Et Mr C R7

5
Ruhekenya Epitas Karayenga 5-01-2018 à 11:28

Nivyiza Cane Ko Umukinyi Phillipe Coutinho Yoshika Mu mugwi Wa Fc Barçelona Vyondyohera Cane Bikadyohera Nabafanzi Benshi Bagenzanje Ahubwo Yatevye Nanyaruke !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha