IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > IFAB igiye kwiga ko vyokunda ko umukinyi yari yasohotse mu kibuga agaruka (...)

IFAB igiye kwiga ko vyokunda ko umukinyi yari yasohotse mu kibuga agaruka mu rukino

jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi ujejwe igisata c’amategeko y’urukino rw’umupira w’amaguru "IFAB" ugiye guhererekana ivyiyumviro ku mugambi w’ukwiga namba vyoshoboka ko mu rukino rw’umupira w’amaguru (Football), umukinyi yari yavuye mu kibuga asubizwayo. Ivyo vyiyumviro kuri uwo mugambi bizotangwa mu nama iba ku mwaka, iyimirije ikazobera mu gisagara ca Londres mu kwezi kwa gatatu.

Ubwo buryo bushasha bwarageragejwe mw’ihiganwa rya UEFA no mu yandi mahiganwa mu myaka ya vuba, nk’uko tubikesha BBC.

Umurwi ujejwe igisata c’amategeko y’urukino rw’umupira w’amaguru (IFAB) uzokwiga kandi ko vyokunda ko amakarata y’umuhondo yosubirigwa no gusohogwa vy’agateganyo ku mukinyi.

Ibindi bizokwigwa muri iyo nama, harimwo ukwemerera amashirahamwe y’ibihugu vy’umupira w’amaguru gushobora kwigenera igitigiri c’abakinyi basubirira abandi mu rukino (remplaçants).

Iyo ngingo ishobora gufasha guteza imbere urukino rw’umupira w’amaguru ku rwego rwo hasi, "mu gutuma hakina benshi," nk’uko integuro y’umugwi mpanuzwajambo wa FIFA ivuga.

Harimwo n’umurongo ujanye no kwifata neza mu kibuga "fairness" kuzogenzugwa na kizigenza w’umugwi (capitaine) azoba yahawe ububasha bwinshi bwo gukurikirana abakinyi arereka ko bigenza neza (discipline) akanasabwa kuba ari we wenyene ashobora kuvugana n’umuhagarikizi w’urukino igihe bikenewe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.