Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro vy’ukwinjira kuraba urukino rw’Intamba mu Rugamba na Messager Ngozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibiciro vy’ukwinjira kuraba urukino rw’Intamba mu Rugamba na Messager Ngozi (...)

Ibiciro vy’ukwinjira kuraba urukino rw’Intamba mu Rugamba na Messager Ngozi vyamenyekanye

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Abashaka kurorera urwo rukino mu bwugamo bw’iteka bazorihishwa amafaranga ibihumbi bitanu vy’amarundi (5000 Frs Bu), ubwugamo A na B barihe ibihumbi bibiri (2000 Frs Bu). Mu bwugamo C, D, E, F, G hamwe H bazoriha amafaranga igihumbi c’amarundi (1000 Frs Bu).

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru yatumyeko abakinyi 28 batarenza imyaka 20, abo akaba aribo batanguye imyimenyerezo kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19 Ntwarante 2018 bitegurira inkino zo gukuranamwo mu kurondera itike yo kwitaba inkino za nyuma z’igikombe ca CAN kizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka wa 2019.

Muri iryo higanwa, Intamba mu Rugamba zizokina urukino rwa mbere na Ethiopie, urwo rukino rukaba ruzobera i Addis-Abeba kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018, ni ukuvuga mu minsi 10. Urukino rw’ugusubiriza ruzoca rubera mu Burundi, kw’igenekerezo rya ritaramenyeshwa. Hagati y’Uburundi na Ethiopie, umurwi uzotsinda uzoca uhura na Sudan ya ruguru.

Urwo rukino rwa kivandimwe hagati y’Intamba mu Rugamba na Messager ruri mu rukurikirane rw’imyeteguro y’uwo murwi nserukiragihugu w’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.