Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino Burundi - Afrika y’Epfo vyamenyekanye
Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino Burundi - Afrika y’Epfo vyamenyekanye
vendredi 3 novembre 2017
Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amenyesha ko abazoraba urukino bari ku mpande z’ikibuga bazoriha amafaranga 1000, mu bwugamo ABCD nabo barihe amafaranga 2000 vy’amarundi.
Ayo makuru nyene amenyesha ko abazoraba urukino bari mu bwugamo bw’iteka bazoriha amafaranga 10000 vy’amarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 2 Munyonyo 2017, umumenyereza Danielle NIYIBIMENYA yamenyesheje ko abakinyi bose bameze neza kandi imyiteguro iriko igenda neza aca asaba abakunzi b’umupira w’amaguru kuza kubashigikira.
Mwomenya ko urukino rwo gusubiza ruzoba mu ndwi zibiri rukazobera mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
MUGISHA Van Naris