Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino Burundi-Soudan du Sud vyamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 juin 2017 saa 12:35
Yasomwe : 12015
0 0

Mu gihe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017 hategekanijwe urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko, ibiciro vyo kwinjira kuraba urwo rukino vyamaze kumenyekana.

Ku bazoraba urukino bari ku mpande z’ikibuga (Pourtour), kwinjira bazoriha amafaranga 2000 vy’amarundi, mu bwugamo A na D bazoriha ibihumbi 10, mu bwugamo B an C ibihumbi 20, mu bwugamo bw’iteka bazoriha amafaranga ijana vy’amarundi.

Amakuru dukesha uwujejwe ubudandaji mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko urwo rukino ruzotangura isaha icenda z’umuhingamo.

Mwomenya ko urwo rukino ruri mu rukurikirane rw’inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa rihuza ibihugu vya Afrika (CAN) rizoba mu mwaka wa 2019.

Uburundi buri mu murwi umwe n’igihugu ca Gabon, Sudani y’Epfo hamwe n’igihugu ca Mali.


Kumenyekanisha

1
Bob LEE SPEKE 6-06-2017 à 14:11

Muraraba mu kosore mu bwugamo bw’iteka mwandite ko ari amahere ijana vy’amarundi. Nibaza ko ari ibihumbi ijana kuko uwurinze ajayo aba yiyemeye ko ayafise.

2
Bob LEE SPEKE 6-06-2017 à 14:11

Muraraba mu kosore mu bwugamo bw’iteka mwandite ko ari amahere ijana vy’amarundi. Nibaza ko ari ibihumbi ijana kuko uwurinze ajayo aba yiyemeye ko ayafise.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha