Ibihugu 4 bikina igice ca kabiri gishira ica nyuma vyamaze kumenyekana

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 8 Ruheshi 2017 saa 11:59
Yasomwe : 7317
0 0

Imirwi nserukiragihugu ya Uruguay na Venezuela niyo iza gukina urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi gihuza abakinyi batarenza imyaka 20 y’amavuka.

Urukino ruza kubera ku kibuga ca Deajon kiri mu gihugu ca Koreya y’Ubumanuko ahariko habera iryo higanwa.

Mu gice ca kane gishira ica nyuma umurwi nserukiragihugu wa Uruguay wari watsinze igihugu ca Portugal, umurwi nserukiragihugu wa Venezuela nawo wari watsinze umurwi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu gisagara ca Jeonju haza kubera urundi rukino ruza guhuza igihugu c’Ubutariyano hamwe n’igihugu c’Ubwongereza .

Mu gice ca kane gishira ica nyuma igihugu c’Ubutariyano cari catsinze igihugu ca Zambiya arico benshi bari bafitiye icizere k’umugabane wa Afirika,mu gihe igihugu c’Ubwongereza cari catsinze igihugu ca Mexique.

Urukino rwokurondera igihugu kizotahukana ikibanza ca gatatu ruzokinwa kuw’Imana igenekerezo rya 11 ruheshi 2017 ku kibuga ca Suwon.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha