Igihugu ca Maroc casavye kwakira igikombe c’isi mu mwaka wa 2026

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 août 2017 saa 05:02
Yasomwe : 2700
0 0

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Maroc (FRMF : La Fédération royale marocaine de football) ryamenyesheje kur’uno wa gatanu ko ryashikirije ikete ryo kuzohiganirwa ikibanza co kwakira no gutunganya inkino z’igikombe c’isi zo mu mwaka wa 2026.

Igihugu ca Maroc gishikirije ico cipfuzo mu gihe wari umunsi wa nyuma wo kubishikiriza imbere y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi (FIFA).

Maroc kigize igihugu ca kabiri mu gushikiriza ko cokwakira inkino z’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026 inyuma y’aho igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,igihugu ca Canada hamwe n’igihugu ca Mexique bishikirije ku musi umwe ko vyipfuza kwakira izo nkino mu kwezi kwa ndamukiza 2017.

Mwomenya ko ibaye incuro ya gatanu igihugu ca Maroc gisaba ko cokwakira igikombe c’isi yose, inyuma y’umwaka w’i 1994,1998,2006 na 2010,igihugu kizokwemererwa kwakira iryo higanwa kikazomenyekana igenekerezo rya 13 ruheshi umwaka wa 2018 ,umunsi umwe gusa imbere y’uko ihiganwa ry’igikombe c’isi co mu mwaka wa 2018 kizobera mu Burusiya gitangure.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha