IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > ’’Imyiteguro igenda neza naho hari abakinyi barushe’’-Joslin BIPFUBUSA

’’Imyiteguro igenda neza naho hari abakinyi barushe’’-Joslin BIPFUBUSA

mercredi 9 mai 2018

Joslin BIPFUBUSA amenyereza umurwi nserukiragihugu w’abakinyi batarenza imyaka 20, avuga ko abakinyi bose bakomeye, naho hari bamwe barushe kuko bahora mu nkino z’ihiganwa ry’icicaro ca mbere.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abakinyi batarenza imyaka 20,amenyesha ariko, ko hari intambamyi ishingiye ahanini ku mwanya muto, ariko akemeza ko babitahura kuko ihiganwa mu cicaro ryafatiriye abakinyi cane.

Ku bijanye n’uko hoba hari inkuru z’umurwi wa Sudani bafise, umumenyereza Joslin BIPFUBUSA avuga ko ata makuru menshi bafise, kuko abakinyi baza barahindagurika,n’imirwi igenda irahindagurika bivanye n’imyaka baba bafise.

JPEG - 171.7 ko
Joslin BIPFUBUSA, Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20

Umumenyereza Joslin BIPFUBUSA ahamagarira abantu kuza gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, kuva ku munota wa mbere gushika ku munota wa nyuma.

Urwo rukino, ruri mu rukurikirane rw’inkino zo kurondera uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma z’igikombe c’imirwi nserukirabihugu ku mugabane wa Afrika y’abakinyi batarenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka wa 2019.

Abakinyi 25 bagiye kubandanya imyimenyerezo mu ntara ya Ngozi ni :

1.RUKUNDO Onesime wa MESSAGER NGOZI
2.KITENGE Ally Tonton wa BUJA CITY
3.NDUWIMANA Hailé Shalom wa NGOZI CITY
4.SELEMAN Moustafa wa AIGLE NOIR SC
5.MURYANGO Moussa wa VITAL’O FC
6.NDORIYOBIJA Eric wa LLB S4A
7.HAKIZIMANA Héritier wa AIGLE NOIR SC
8.NDIZEYE Eric wa MUSONGATI FC
9.BIGIRIMANA Ramadhan wa AIGLE NOIR SC
10.KAMANA Ismaïl wa AIGLE NOIR SC
11.NDAYE Chancel wa LLB S4A
12.IRADUKUNDA Parfait wa MUSONGATI FC
13.MBIRIZI Éric wa BUJA CITY
14.MURYANGO Mabano wa AIGLE NOIR SC
15.EZA Armel wa NGOZI CITY
16.NSHIMIRIMANA Jospin wa DELTA STAR
17.NSENGIYUMVA Rahim wa MESSAGER NGOZI
18.DJUMA Muhamedi wa MUSONGATI FC
19.KWIZERA Eric wa LES LIERRES FC
20.KANAKIMANA Bienvenue wa AIGLE NOIR SC
21.RAMADHAN Pascal wa OLYMPIC STAR
22.SHAKA Bienvenue wa AIGLE NOIR SC
23.ULIMWENGU Jules wa LLB S4A
24.MAVUGO Cédric titi wa AIGLE NOIR SC
25.NDIKUMANA Magloire wa OLYMPIC STAR.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.