IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > "Ingaruka z’ibibera hafi y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE (...)

"Ingaruka z’ibibera hafi y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE ntiziraba FFB’’ - NDIKURIYO

mardi 20 mars 2018

Mu butumwa yarungitse ari mu gihugu ca Bresil,mu rugendo rw’akazi ,akabucisha ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko ibiriko bibera hafi y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, ari akajagari kazotuma abanyagisagira ca Bujumbura badasubira kuraba inkino mpuzamakungu.

Muri ubwo butumwa, Reverien NDIKURIYO arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, amenyesha ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi rimenyesheje icese ko ingaruka zose zizotumwa n’ibibera hafi y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,bitaraba ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko muri ivyo bitaraba ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, harimwo, umutekano w’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Reverien NDIKURIYO amenyesha kandi ko ata nkino mpuzamakungu zizosubira kubera ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko rwagasore mu gihe amakegeko adakurikijwe, ko kandi inkino zose mpuzamakungu zizobera i Ngozi, Gitega, Muyinga, Cibitoke, Rumonge na Makamba mu gihe vyokwemezwa n’ababijejwe .

JPEG - 109.6 ko
Reverien NDIKURIYO, Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru agabisha abajejwe inkino ko batokwibaza ko bafise ububasha muri vyose, kandi ko bategerezwa gukorana n’inzego zose, n’ukuvuga abajejwe iterambere ry’ibisagara , intwaro yo hagati mu gihugu, inyubako za Reta, amagara y’ abantu, umutekano w’abanyagihugu, igisagara ca Bujumbura, n’izindi.

Reverien NDIKURIYO , araremesha ariko abanyagisagara, ko ata nzigo irimwo, kandi ko abo mu gisagara batabibagiye ku nkino mpuzamakungu mugabo ko aho bahora bakorera hari ikibazo, ko kubera iyo mvo,mu maguru masha bagiye kubaza ababijwe ico babategekanirije.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, arangiza ubutumwa bwiwe, amenyesha ko hagiye kujaho urwego ruburanira iterambere ry’umupira w’amaguru mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ariko Hon, turipfuza nk’abarundi kumenya ivyo bintu birikobirabera ku kibuga ca Prince Louis. Boba bacubatsemwo amazu canke ku nkengera yaco ko mbona no kuri tanganyika bazihubatse ?

  • Urakoze Mugisha kuri iyo nkuru, naho idahumuriza abakuzi ba football bo mu gisagara ca Buja. Ariko sha Mugisha, kuki ugira copier coller ivyo umukuru wa FFB yavuze kuri facebook,, ntugire ubushakashatsi ngo utomore icatumye abivuga, ivyo biriko vyononera abanyagisagara n’igituma ivyo bintu biriko bikorwa. Abamenyeshamakuru murakwiye kugira umwete wo gutohoza, mugashikira abantu aho kuraba facebook na Tweeter. Sinzi ko uzi ko Universites zitemera ubushakashatsi bwo kuri internet gusa, utegerezwa kuja kuri terrain na bibliotheque, namwe bikwiye kuba gurtyo. Simba rero urondere hanyuma wuzuze iyo nkuru nkuko irahambaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.