IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Uburundi bemerewe agashirukabute batsinze Sudani yo mu (...)

Abakinyi b’Uburundi bemerewe agashirukabute batsinze Sudani yo mu Bumanuko

jeudi 1er Ruheshi 2017

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yamenyesheje ko umukinyi wese azoronka umuriyoni w’amafaranga y’amarundi, ariko bakazoyaronka mu gihe botahukana intsinzi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi agahamagarira abarundi kuza gushigikira umurwi nserukireagihugu Intamba mu Rugamba ari benshi.

Urwo rukino hagati y’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Burundi n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko ruzoba kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko RWAGASORE.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, uri mu murwi umwe n’imirwi ya Gabon, Mali hamwe na Sudani yo mu Bumanuko, mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (CAN).


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.