IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Etiyopiya ibitsindo (...)

Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Etiyopiya ibitsindo bibiri ku busa

dimanche 1er avril 2018

Igitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, intamba mu Rugamba, cinjiye ku munota w’indwi w’igice ca mbere c’urukino, cinjijwe na Pascal Ramadhan.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wabandanije usatira umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya, mbere ku munota wa 22, umukinyi Moustapha Selemani yinjiza igitsindo ca kabiri, igice ca kabiri gihera ari ibitsindo bibiri vy’Uburundi, ku busa bwa Etiyopiya.

Mu gice ca kabiri, Intamba mu Rugamba zaje zishaka kwinjiza igitsindo ca gatatu, umurwi wa Etiyopiya nawo uza ushaka kugombora ibitsindo bibiri, ariko ntivyakunze kuko urukino rwarinze ruhera, ari ibitsindo bibiri k’ubusa.

Umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya ukeneye gutsinda ibitsindo bitatu k’ubusa umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, kugira uronke uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa.

Bitegekanijwe ko umurwi uzotsinda hagati y’Uburundi na Etiyopiya uzoca ukina n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.