Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Sudani ibitsindo bibiri ku busa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 mai 2018 saa 08:49
14850
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20 zaronse uburenganzira bwo kubandanya inkino zo gukuranamwo, barondera itike yo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy’abatarenza imyaka 20 rizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka uza wa 2019, inyuma yo gutsinda umurwi wa Sudani ibitsindo bibiri ku busa kur’uno w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018.

Muri urwo rukino rwabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Sudani Karthoum, ibitsindo bibiri vy’Uburundi vyinjijwe na SHAKA Bienvenu ku munota wa 82, hamwe na MAVUGO Cedrick ku munota wa 87.

Mu rukino rwo gutangura rwabereye ku kibuga Urukundo, mu ntara ya Ngozi, umurwi Intamba mu Rugamba wari wanganije n’umurwi wa Sudani igitsindo kimwe ku kindi.

Mu rukino rukurikira, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20, uzoca ukina n’igihugu ca Zambiya.


Kumenyekanisha

1
NTAKARUTIMANA Anicet 22-05-2018 à 09:36

Uracayifana

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha