Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba zatsindiwe muri Tanzaniya mu rukino rwa kivandimwe
Intamba mu rugamba zatsindiwe muri Tanzaniya mu rukino rwa kivandimwe
mercredi 29 Ntwarante 2017, par
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rw’umupira w’amaguru (Intamba mu rugamba) watsinzwe mu rukino rwa kivandimwe rwabaye kuri uwu wa kabiri, mu gihugu ca Tanzaniya, mu gisagara ca Dar es Salaam. Tifa Stars ya Tanzaniya yatsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe c’Intamba mu rugamba.
Ku munota wa 22 w’igice ca mbere c’urukino, Tanzaniya niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku mukinyi Simon Msuva akina muri Yanga Africans.
Ku munota wa 54, uburundi bwagomboye bubifashijwemwo na Laudit MAVUGO asanzwe akina muri ico gihugu ca Tanzaniya mu murwi wa Simba Sports Club.

Ku munota wa 77, Tanzaniya yinjije igitsindo kigira kabiri, ari naco cahaye intsinzi ico gihugu, urukino ruca ruhera ari bibiri vya Tanzaniya kuri kimwe c’Uburundi.
Abakinyi b’Intamba mu rugamba batanguye mu kibuga
Nahimana Johnatan, Nshimirimana David, Moussa Omar, Harerimana Rashid Leon, Kiza Fataki, Ndayishimiye Youssouf Nyange, Ndikumana Tresor, Duhayindavyi Gael, Nzeyimana Johan, Mavugo Laudit hamwe na Ndarusanze Claude.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2017, 19:59, par Abond
Bakinyi Gumya Umutimaimana Irababona 1kimwe Muzokigombora Mubatsinde Natweturikumwe
30 Ntwarante 2017, 22:15, par RASHIDI
NTAKUNDI NTAKUNDI NIMWIHANGANE MWARAGERAGEJE MURAKOZE
1er Ndamukiza 2017, 00:10, par Chadrack
Ntakibazo.Nimukurirenabobacide.Arikokubonabataribwacind’uburundinarimweee!Baribamaramaje.Mebwenimugumekitizegusa.Muzobacind’ubaz’in’iwacu.
7 Ndamukiza 2017, 19:00, par Jackson
Tuzo Tsinda Tanzania 3 Kubusa Jackson Gasenga
7 Ndamukiza 2017, 20:20, par Jackson
Bizoshoka Na Je Vyoryohera
15 Ndamukiza 2017, 20:35, par irangabiye eric
nibihangane
25 Ndamukiza 2017, 11:43, par James
Nibihagana Kuko Niboshora Uwo Mugwi Wa Tanzania
13 Rusama 2017, 19:29, par EM PESA
Ntakundi.Nibihangane.Haburanababirihagatsindaumwe.
21 Rusama 2017, 11:18, par Cyriaque
NTAKUND HABURANA2 HAGATSINDUMWE.HANYUMATUZOBIVUGA .NATWE