IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba zatsindiwe muri Tanzaniya mu rukino rwa kivandimwe

Intamba mu rugamba zatsindiwe muri Tanzaniya mu rukino rwa kivandimwe

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rw’umupira w’amaguru (Intamba mu rugamba) watsinzwe mu rukino rwa kivandimwe rwabaye kuri uwu wa kabiri, mu gihugu ca Tanzaniya, mu gisagara ca Dar es Salaam. Tifa Stars ya Tanzaniya yatsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe c’Intamba mu rugamba.

Ku munota wa 22 w’igice ca mbere c’urukino, Tanzaniya niyo yatanguye kwinjiza igitsindo ku mukinyi Simon Msuva akina muri Yanga Africans.

Ku munota wa 54, uburundi bwagomboye bubifashijwemwo na Laudit MAVUGO asanzwe akina muri ico gihugu ca Tanzaniya mu murwi wa Simba Sports Club.

Ku munota wa 77, Tanzaniya yinjije igitsindo kigira kabiri, ari naco cahaye intsinzi ico gihugu, urukino ruca ruhera ari bibiri vya Tanzaniya kuri kimwe c’Uburundi.

Abakinyi b’Intamba mu rugamba batanguye mu kibuga

Nahimana Johnatan, Nshimirimana David, Moussa Omar, Harerimana Rashid Leon, Kiza Fataki, Ndayishimiye Youssouf Nyange, Ndikumana Tresor, Duhayindavyi Gael, Nzeyimana Johan, Mavugo Laudit hamwe na Ndarusanze Claude.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.