Ishirahamwe CAF ryashikirije abakinyi 3 bagiye guhiganigwa ikibanza c’umukinyi mwiza w’umwaka

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 18 Kigarama 2017 saa 02:39
Yasomwe : 7731
0 0

Ishirahamwe CAF (Confédération Africaine de Football) ryashikirije abakinyi batatu bagiye guhiganigwa ikibanza c’umukinyi w’umunya Afrika yigenjeje neza muri uwu mwaka wa 2017.

Abo nabo ni Emerick Obameyang akomoka mu gihugu ca Gabon akaba akinira umurwi wa Dortmound mu gihugu c’Ubudagi, Sadio Mané wo muri Sénégal akinira Liverpool, hamwe n’umunya Misiri Mohamed Salah, nawe nyene akinira Liverpool yo mu Bwongereza, akaba ari nawe yaheruka gutwara agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza katanzwe n’ikinyamakuru BBC.

Uwatowe akaba azomenyekana igenekerezo rya 4 z’ukwezi kwa mbere umwaka wa 2018.

JPEG - 35.1 ko
Emerick Obameyang akomoka mu gihugu ca Gabon akaba akinira umurwi wa Dortmound mu gihugu c’Ubudagi
JPEG - 58.1 ko
Sadio Mané wo muri Sénégal akinira Liverpool
JPEG - 43.7 ko
Mohamed Salah wo muri Misiri, akinira Liverpool yo mu Bwongereza

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha