IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ishirahamwe FIFA ryafatiye ibihano ibihugu 8 vya Afrika

Ishirahamwe FIFA ryafatiye ibihano ibihugu 8 vya Afrika

mercredi 4 Gitugutu 2017

Bimwe mu bihugu vyafatiwe ibihano ,ni igihigu ca Gabon cahanishijwe igihano c’ihadabu inyuma yo gukinisha umukinnyi Merlin Tandjigora atari yemerewe n’amategeko kuko yariyahagaritswe mu rukino rwabahuje n’igihugu ca Cote d’ivoire kw’igenekerezo rya 2 nyakanga.

Igihugu ca Zambiya kizotanga ihadabu y’amadorari ibihumbi 7 inyuma yabo abakunzi ba Chipopolo Boys bateye ibintu mu kibuga igihe bariko barakina n’igihugu ca Algeria mu rukino rwabereye ku murwa mukuru Lusaka.

Mu gihugu ca Nijeriya ,ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ritegerezwa gutanga ihadabu y’amadorari ibihumbi 30 wongera uragabishwa kuko abanywanyi b’umurwi nserukira gihugu w’ico gihugu binjiye mu kibuga mu rukino rwabahuza n’igihugu ca Cameroon.

Igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Congo kizotanga ihadabu igera ku madorare ibihumbi 20 kubera amakosa yakozwe n’abakunzi b’ico gihugu mu rukino rwagihuje n’igihugu ca Tunisie kuko bateye ibintu mu kibuga harimwo n’amacupa .

Igihugu ca Maroc kizotanga amadorare angana ibihumbi 3 ku makosa abanywanyi buyo murwi bakoze mu kuvuza amafirimbi hariko haririmbwa indirimbo nserukiragihugu mu mukino wabahuje na Mali i Rabat.

Igihugu ca Mali naco cahanishwijwe gutanga ihadabu y’amadorari ibihumbi 15 kuko abanywanyi b’umurwi nserukiragihgu baco bateye amacupa n’intebe mu rukino rwagihuje na Maroc.

Ibihugu vya Burukina Faso na Senegal vyovyo nta hadabu vyatangishijwe ariko vyagabishijwe kuko umukino wahuje ivyo bihugu watanguye utevye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.