Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyankore Gilbert batazira Yaounde yirukanywe n’umugwi wa FC (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kanyankore Gilbert batazira Yaounde yirukanywe n’umugwi wa FC (...)

Kanyankore Gilbert batazira Yaounde yirukanywe n’umugwi wa FC Bugesera

lundi 4 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga w’umugwi FC Bugesera, Mbonigaba Silas yamenyesheje ko bahisemwo kwirukana Kanyankore Gilbert imbere y’uko ihiganwa ritangura bitumwe no kwigenza nabi mu gikorwa yari ajejwe.

Silas Mbonigaba yagize ati : “Kanyankore twatandukanye. Twakoranye neza umwaka uheze, ndetse n’umrwi yitwaye neza bituma tumwongerera andi masezerano mashya ariko mbere yo gutangira shampiyona twaricaye tureba imyitwarire ye duhitamo gutandukana hakiri kare aho kuzabikora shampiyona yaratangiye.”

Mbonigaba Silas abajijwe kuvyerekeye ukwigenza nabi kw’uwo mumenyereza, yashuye ati : “Nonese reba nk’ubu ikipe ntiratangira imyitozo, wamushaka uyu munsi ugasanga yagiye, ejo yagiye nta ruhushya mbese twabonye tutazakorana neza duhitamo gutandukana.”

Mu nikino itandatu z’ihiganwa ziheruka, umumenyereza Kanyankore Gilbert yatsinze inkino zitatu, anganya inkino zibiri, atsindwa urukino rumwe n’umugwi wa Mukura VS ivyari vyatumye ubuyobozi bw’uwu mugwi umwongera ikindi kiringo kingana n’umwaka co kumenyereza uwo mugwi, aho yagize kandi n’uruhara mu kugura abakinyi uyo mugwi waheruka kuzana.

Tubibutse ko Kanyankore Gilbert batazira Yaounde amaze imyaka irenga 30 ari umumenyereza mu migwi itandukanye yo mu Burundi no mu Rwanda nka Vitalo’0 yo mu Burundi, Les Citadins ubu yitwa AS Kigali, Rayon Sports, Kiyovu Sports, APR FC hamwe n’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba akaba kandi yarabaye n’umwigisha w’umupira w’amaguru mw’ishure rikuru nderabigisha ry’i Kigali (KIE:Kigali Institute of Education).


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.