IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > LLB Academique wavuye mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu

LLB Academique wavuye mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu

lundi 19 Ruheshi 2017

Urukino ruhuza umurwi LLB Academique na Olympic Star y’i Muyinga mu gice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu,rwabereye ku kibuga c’i Gitega,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi 2017.

Urukino rwaheze umurwi wa LLB Academique na Olympic Star banganya igitsindo kimwe ku kindi, bica bituma batera ama penaliti,umurwi wa Olympic uca utsida atanu,mu gihe LLB Academique watsinze 4.

Mu zindi nkino imirwi yatsindanye uku :

Messager Ngozi 1-0 Espoir
Athletico Olympic 5-0 Rumonge City
Muzinga 3-1 Rukinzo

Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma gitegekanijwe mu mpera z’iyi ndwi,umurwi Messager Ngozi uzokina n’umurwi Atletico Olympic,mu gihe umurwi wa Muzinga uzotana mu mitwe na Olympic Star yo mu ntara ya Muyinga.

Umurwi LLB Academique niwo watahukanye igikombe c’ihiganwa Primus Ligue 2017,ukaba uzoserukira Uburundi mu nkizo za Ligue des Champions ku mu gabane wa Afrika.

Amakuru ava mu buyobozi bw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko inkizo z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zishobora kubera ku kibuga c’i Gitega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.