Ligue des Champions : Real Madrid yatwaye igikombe ku ncuro ya cumi na kabiri

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 Ruheshi 2017 saa 07:38
Yasomwe : 8172
0 0

Umurwi Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne niwo watahakunye igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya UEFA Champions League, inyuma yo gutsinda umurwi wa Juventus de turin ibitsindo bine kuri kimwe,mu rukino rwa nyuma rwabereye ku kibuga c’i Cadriff mw’ijoro ryo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruheshi 2017.

Mu minota ya mbere y’igice ca mbere c’urukino,umurwi wa Juventus de Turin watanguye werekana ko uzanye inguvu nyinshi no gushaka gutsinda urukino,kuko mu minota cumi ya mbere gusa,umurwi wa Juventus de Turin warumaze gutera mw’igori rya Real Madrid incuro zibiri.

Ku munota wa 20, umukinyi Christiano Ronaldo yari atsinze igitsindo ca mbere c’umurwi wa Real de Madrid, ariko inyuma y’iminota 7 gusa,umukinyi Mario Mandzukic aca aragombora ico gitsindo,igice ca mbere c’urukino gica gihera ari igitsindo kimwe ku kindi hagati ya Real Madrid na Juventus de Turin.

Igice ca kabiri c’urukino nticoroheye umurwi wa Juventus de Turin kuko ku munota wa 61 umukinyi Casemiro yinjije igitsindo ca kabiri ca Real Madrid,inyuma y’iminota itatu gusa,Christiano Ronaldo yinjiza ikigira gatatu ku munota wa 64.

Mu gihe umurwi wa Juventus de Turin wari uzi ko urukino ruheze, ku munota wa 90 umukinyi Marco Asensio yinjije igitsindo ca kane c’umurwi wa Real Madrid,urukino ruca ruhera ku ntsinzi ya Real Madrid y’ibitsindo bine kuri kimwe ca Juventus de Turin.

Umurwi wa Real Madrid utwaye igikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 12, ukaba kandi umurwi umwe mu mateka y’umupira w’amaguru utwaye ico gikombe imyaka ibiri ikurikirana.


Kumenyekanisha

1
Kamwenubusa 5-06-2017 à 22:57

Reyare Ikomere Abanaturanezerewe Aho Itsindiye Ubutariyano Komera Komanda Ronarudo

2
Edouard 4-06-2017 à 15:25

Komera Mutama Zidan Nabahung Bawe Mwaray Mutunezerej Mukudutsindir Ibitego Vyiteka

3
NPAWE 4-06-2017 à 14:56

real ndayifa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha