Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Real Madrid mu rukino rwa nyuma
Ligue des Champions : Real Madrid mu rukino rwa nyuma
mercredi 2 mai 2018
Kuva ku munota wa mbere w’urukino, umurwi Bayern Munich warasatiriye umurwi Real Madrid na cane cane ku mipira yaca ku ruhande rw’ibubanfu, ugakinwa cane n’umukinyi David Alaba, mbere ku munota wa 3 w’urukino umukinyi Joshua Kimmich yinjiza igitsindo ca mbere ca Bayern Munich.
Ku munota wa 11 w’urukino, umukinyi Karim Benzema wa Real Madrid yahavuye atsinda igitsindo ca mbere ca Real Madrid co kunganya, igice ca mbere c’urukino gica gihera imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Bayern Munich wagumye usatira, ariko ku mupira wari usubijwe inyuma n’umukinyi Corentin Tolisso, Karim Benzema yinjije igitsindo ca kabiri, ku musegonda wa 20 gusa w’igice ca kabiri.
Ku munota wa 62, umukinyi James Rodriguez yatijwe muri uwo murwi wa Bayern Munich, yinjije igitsindo ca kabiri ca Bayern Munich, ariko ntivyahaye amahirwe umurwi Bayern yo kubandanya ihiganwa, kuko mu rukino rwa mbere Real Madrid yari yatsinze Bayern Munich ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Kur’uno wa gatatu, hategekanijwe urundi rukino ruza kwerekana umurwi uzokina na Real Madrid mu rukino rwa nyuma, urwo narwo rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Rusama, mu gisagara ca Kiev.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 mai 2018, 08:53, par Ndihokubwayo omer
Ndi omer nkabaniga lycée buhiga umugwi mpaye amahigwe ko uzotahana igikombe ni leverpool
17 mai 2018, 01:08, par Salomonl
Nanjumugwimpayamahigwe nu Real Madrid
17 mai 2018, 22:07, par niyokind methode
nanj igikombe nicarear
26 mai 2018, 21:22, par MPAWENAYO EGIDE
mpaye amahigwe real