Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Umurwi Liverpool uzohura na Real Madrid mu rukino rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Umurwi Liverpool uzohura na Real Madrid mu rukino rwa (...)

Ligue des Champions : Umurwi Liverpool uzohura na Real Madrid mu rukino rwa nyuma

jeudi 3 mai 2018

Naho urukino rwaheze umurwi AS Roma utsinze Liverpool ibitsindo bine kuri bibiri, AS Roma ntiwaronse amahirwe yo gukina urukino rwa nyuma, kuko mu rukino rwa mbere, umurwi Liverpool wari watsinze AS Roma, ibitsindo bitanu kuri bibiri.

Mu rukino rwo kur’uyu wa gatatu, umurwi Liverpool watsinze igitsindo ca mbere hakiri kare ku munota w’9, umukinyi Sadio Mane yari ashizemwo igitsindo ca mbere, ariko ku munota wa 15, umukinyi Milner wa Liverpoll yiyinjiza mw’igori iwe, imirwi yose ica iranganya igitsindo kimwe ku kindi.

Ku munota wa 26, umurwi Liverpool winjije igitsindo ca kabiri, igice ca mbere c’urukino gica gihera ari ibitsindo bibiri vya Liverpool, ku gitsindo kimwe ca AS Roma.

Ku munota wa 52, umukinyi Dzeko wa AS Roma yinjije igitsindo ca kabiri, catumye imirwi yose inganya, gushika naho umurwi AS Roma wagumye usatira umurwi Liverpool, mbere ku munota wa 87 Nainggolan yinjiza igitsindo ca gatatu, yiyongera n’ikindi ku munota wa 93.

Urukino rwaheze umurwi AS Roma utsinze ibitsindo bine kuri bibiri vya Liverpool, naho nyene utaronse amahirwe yo gukina urukino rwa nyuma , kubera wari watsinzwe mu rukino rwa mbere.

Urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 26 Rusama 2018, mu gisagaca ca Kiev, mu gihugu ca Ukrain.

Hari haheze imyaka 11, umurwi Liverpool wo mu Bwongereza udashitse mu rukino rwa nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, kuko waheruka gushika kuri urwo rwego, mu mwaka wa 2007.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.