Lionel Messi yafashije igihugu ciwe gukina igikombe c’isi ku buryo butangaje

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Gitugutu 2017 saa 10:11
Yasomwe : 10404
0 0

Umurwi nserukiragihugu wa Argentine waronse uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kizobera mu gihugu c’Uburusiya mu mwaka wa 2018, inyuma yo gutsinda umurwi nserukiragihugu wa Equateur ibitsindo bitatu kuri kimwe.

Kuva ku munota wa mbere w’urukino, icizere c’igihugu ca Argentine co kwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi nticari bwaboneke, ariko inyuma y’inguvu n’ubuhinga bw’umukinyi Lionel Messi gushika ku munota wa nyuma vyatumye umurwi nserukiragihugu wa Argentine uronka uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi mu mwaka wa 2018.

Igitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu wa Argentine cinjiye ku munota wa 12 w’urukino cinjijwe na Lionel Messi ku mupira bahanahanye na Angel Di Maria akinira umurwi Paris Saint Germain aca atsinda n’ukuguru kw’i bubamfu.

Ku munota wa 20, umukinyi Lionel Messi nyene yinjije igitsindo ca kabiri ku mupira ahawe na Di Maria, yiyongera n’ikindi ku munota wa 63, urukino rurangira Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone yinjije ibitsindo bitatu wenyene anashikana umurwi wiwe mu gikombe c’isi.

Inyuma y’urukino, Lionel Messi yashikirije ijambo avuga ati : ‘’Kubw’igitangaza biradutwengeje kandi vyose biheze neza. Turatekanye, twashitse ku ntumbero, nico gihambaye.’’

Ku ruhande rwiwe, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Argentine Jorge Sampaoli yavuze ko Lionel Messi ari umukinyi wa mbere muri kahise.

Ati : "Ni umukinyi mwiza wo muri kahise k’umupira w’amaguru, ndanezerewe kuba mu murwi k’uruhande rwiwe.’’

Uko umurwi nserukiragihugu wa Argentine watangaje abatari bake niko umurwi nserukiragihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika watangaye ubuze uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi utsinzwe n’uwa Costa Rica ibitsindo bibiri kuri kimwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha